Abarundi batandatu bari bitavye ihiganwa muri Amerika batorotse ihiganwa ritarahera

Abarundi batandatu bari bitavye ihiganwa rya FIRST Global Challenge muri Reta zunze ubumwe za Amerika batorotse ihiganwa ritarahera. Kuva ku munsi wa gatatu ntawuzi irengero ryabo.
Abo banyeshure b’Abarundi bagizwe n’abasore bane hamwe n’inkumi zibiri, bakaba muri iryo higanwa bari bajanye umugambi wabo w’ugukora ama « Robots ». Inyuma y’umunsi wa mbere w’ihiganwa kuri uwu wa kabiri mu gisagara ca Washington mu gihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika, ntawasubiriye kubakubita ijisho.

Abatunganije iryo higanwa bavuga ko bamaze kubimenyesha igiporisi ca Reta zunze ubumwe za Amerika.