Ikarata ya Arabie Séoudite
Umuganwa wo mu gihugu ca Arabie Séoudite yashizwe mu mvuto ku bivugwa ko yahohoteye (mu bikogwa no mu mvugo) abantu benshi nkuko vyibonekeje ku masanamu ya « video ».
Umwami Salman yategetse ko afatwa inyuma yaho amasanamu ya « video » aciriye ku mbuga hwaniro agahahamura abantu, igasigara ariyo nkuru ivugwa cane mu miryango y’abarabu.
Amafoto y’ifatwa ry’uwo muganwa akiri muto –afise imishatsi yirabura miremire, yambaye agapira kirabura — yakwiragiye henshi, abayabona ku mbuga hwaniro baryohegwa.
Itegeko umwami yasohoye rivuga ko hagiye gufatwa ingingo zikingira umuntu uwariwe wese ntakoregwe amabi.