Ishirahamwe (CIRID : Centre Independant de Recherches et dInitiatives pour le Dialogue) rimenyesha ko ukutumvikana kuri hagati y’Uburundi n’Urwanda kuzotorerwa umuti biciye mu biganiro.
Mu kiganiro catunganijwe n’ishirahamwe CIRID kuri uno wa kane igenekerezo rya 20 mukakaro 2017, umukuru waryo, Deo HAKIZIMANA amenyesha ko yipfuza ko ivyo guterana amajambo hagati y’Uburundi n’Urwanda vyohagarara.
Deo HAKIZIMANA yavuze ati :« Ivyo guterana amajambo hagati y’Urwanda n’Uburundi ndipfuza ko bihagarara. Ndashigikiye ibiganiro Urwanda n’Uburundi bazogirana, ariko ikibazo n’ico kumenya bizobera hehe, ninde azobigira ?. »
Umukuru w’ishirahamwe CIRID avuga ko ku ruhande rwiwe amaze gutunganya ibiganiro hagati y’abanyarwanda n’abarundi, aho abasaba kuja kuvugira imbere y’amakungu ariko hatarimwo gutukana.
Ku kibazo c’ibikorwa vy’umurwi wo kuvugana ukuri no kurekuriranira, Deo HAKIZIMANA yavuze ko adatahura ingene CVR ibura uburyo bwo gukora, kuko biboneka neza ko ikibazo umurwi CVR ufise ari ikibazo c’uburyo.
Deo HAKIZIMANA ashikiriza icipfuzo ciwe ati : « Kubera nkunda umurwi CVR, ndipfuza ko hoba akanya ko kwiga igituma CVR ibura uburyo. »
Kuri uno wa kane igenekerezo rya 20 Mukakaro 2017, kari akaryo kandi ko guhimbaza imyaka 20 iheze ishirahamwe CIRID rishinzwe.