
Igihano c’igipfungo c’imyaka 25 bari bakatiwe ku gutaburirako impunzu uwo mugore, cahavuye gifutwa kubera ico gihano ca mbere c’urupfu bahawe.
Ivyashikiye uwo mugore mu 2014 vyarafashwe amasanamu, birahererekanwa ku mbuga hwaniro, bituma haba imyiyerekano mu gihugu.
Abagore baharugwa mu majana, bamwe bambaye impuzu zibegereye cane, baciye biha amabarabara ya Nairobi ico gihe, bafise ivyapa vyanditseko « MyDressMyChoice » (impuzu nambara ni je ndayihitiramwo).