Leta y’Ubudagi yagabishije abenegihugu bayo hamwe n’amashirahamwe ko bashobora gufatwa « bidaciye mu mategeko » bagiye mu gihugu ca Turukiya.


« Abantu bagenda muri Turukiya mu mabanga yabo canke bagiye ku mvo z’ubudandaji basabwe kurikanura, » niko umushikiranganji w’imigenderanire w’Ubudagi yavuze.

Amashirahamwe ashobora kugira ingorane ku bijanye n’imitahe yayo muri Turukiya, kubera ko amategeko yaho adakora, niko umushikiranganji yavuze.

Ubudagi bwaridogeye uwuserukira Turukiya i Berlin ku munsi wa gatatu, inyuma yaho abantu batandatu baharanira agateka ka kiremwa muntu bapfungiwe.