Urugendo rwa prezida Pierre Nkurunziza mu gihugu ca Tanzania

Prezida Pierre Nkurunziza ku rubibe rwa Kobero ruri hagati y’Uburundi na Tanzania itariki 20 ukwezi kw’indwi 2017Prezida Pierre Nkurunziza w’Uburundi yasohotse igihugu ubwa mbere aja mu gihugu ca Tanzania inyuma y’imyaka ibiri irangiye haburijwemwo itembagazwa ry’ubutegetsi bwiwe.

Prezida Nkurunziza yagiye n’imodoka aciye ku rubibe rwa Kobero ruri hagati y’ivyo bihugu bibiri.

Bivugwa ko yajanye n’abategetsi bakomakomeye harimwo n’abashikiranganji guhura na mugenzi we wa Tanzania John Pombe Magufuli.

Ico urwo rugendo rugamije ntikiramenyekana.

Burundi: Havuzwe ihirikwa ry’ubutegetsi

Abashatse gutembagaza ubutegetsi mu Burundi bakatiwe

Prezida Nkurunziza ntiyari bwigere asohoka igihugu kuva hageragejwe itembagazwa ry’ubutegetsi itariki 13 z’ukwezi kwa gatanu mu 2015.

Bubaye ubwa mbere prezida Nkurunziza agira urugendo mu mahanga kuva haburijwemwo itembagazwa ry’ubutegetsi bwiwe itariki 13 z’ukwezi kwa gatanu 2017

Ico gihe yari yitavye inama ku Burundi yabera ku mugwa mukuru wa Tanzania, i Dar Es Salaam, aho yashoboye kugaruka i Bujumbura aciye mu nzira n’ubu itaramenyekana.

Uwo mubonano uriko urabera mu karere ka Ngara mu ntara ya Kagera.