ITANGAZO RIVUYE KUMUSOZI W’AMASENGESHO
Biramenyeshejwe bene Data Bose bibwira canke bumva yuko bafise amasezerano babwirizwa kuja mumwanya wo kwisuzuma bikwiye kugira bumveko bakiyahagazemwo koko.
Tumaze igihe kitari gito ducishwa mubugaragwa burerebure kandi beshi barabuguyemwo abandi barabwamburirwamwo. Habaye kunanirwa, gukumbura ivyakera kumwe ab’isurayeli bakumbura inyama ibitunguru nibindi….Ivyo vyavuye kuburuhe bw’urugendo kandi vyavuye ni kuri (fondation) urufatiro rw’agakiza(itanguriro ico umuntu yubatseko)kuko hari abubatse kumasezerano batubatse kugakiza kazoduha ubugingo budashira.
Imanuro:
1. Nturabe amasezerano gusa n’urabe uwasezeranye yuko mukiri kumwe.
2. Reka gukurikira imihari n’imigambwe ahubwo ukurikire ihanga ryashizweho n’Imana.
3. Itandukanye n’utugwi twimburakimazi naho twoba tuvuga ivyisezerano kuko atakindi dukora atari ukubesha, ugutukana, ukwica no gusahura kuko ni ibikoresho vya satani.
-Soma Itang1:1: UBWA MBERE NA MBERE IMANA!
-Ikindi mumenyeshwa nuko urugendo rwategerezwa kuba rurerure kugira habe isuzumwa maze Gideyoni asigarane ingabo300 zikimazi gusa.
-Urutaro rwarakebejwe bikwiye umuguruka uratumuka nubu ukiriko.
Ni ahawe ho kwisi uns ukuja ku munzane urabeko ibiro bishitse kuko Yorodani turarwegereje kandi tugira tujabuke!
Yari mwene so musangiye urugendo n’ubwami Emerimana Elisabeth