Abashingamateka bava mu runani Amizero y’Abarundi basohotse ibikorwa vy’inama nshingamateka vyo kuri uno wa kane igenekerezo rya 20 Mukakaro 2017,mu gihe umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu n’inyigisho zo gukundisha igihugu yari yaje gusigura ibiri mu nteguro y’itegeko rigenga umugwi w’igihugu uzoba ujejwe ubumwe n’ukunywana hagati y’abarundi.Amakuru ava muri bamwe mu bashingamateka bari bitavye ibikorwa,amenyesha ko abo bashingamateka banse kuguma mu nama,kuko umunsi abashikiranganji bane bari bagiye gusigura mu nama nshingamateka uko ibintu vyifashe mu gihugu,umushikiranganji w’intwaro hagati mu gihugu yababwiye amajambo abasubiza hasi.
Ayo makuru, amenyesha ko umushikiranganji yabwiye abashingamateka bava mu runani amizero y’abarundi, ko amategeko atabarekurira gutunganya amakoraniro no kubonana n’ababatoy ;ivyo abo bashingamateka bafata nk’agasuzuguro.
Abo bashingamateka bamenyesheje ko igihe cose umushikiranganji w’intwar yo hagati mu gihugu azoba aje gusigura integuri yitegeko bazoca basohoka,gushika igihe hazotunganywa umwanya umushikiranganji akaza gusigura igituma yabavuzek ayo majambo.
Alexis Badian NDAYIHIMBAZE :’’ Nta kintu na kimwe cari gutuma batitaba ibikorwa’’
Ku ruhande rw’inama nshingamateka,Umuvugizi wayo Alexis Badian NDAYIHIMBAZE mu kaganiro yahaye abamenyeshamakuru amenyesha ko ata kintu na kimwe cari gutuma batitaba ibikorwa,kuko basaba ko hoba ikoraniro bagatumira umushikiranganji w’intwar hagati mu gihugu kugira bamushikirize ibibazo bibabakiye,ariko ivyo bibazo bakaba batarabitegura.
yavuze ko abo bashingamateka bava mu runani Amizero y’abarundi bataretse kwinjira kuko banse kwiga no gutora iryo tegeko,ariko ko basohotse kubera ryari rije gusigurwa n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu.
Alexis Badian NDAYIHIMBAZE,Umuvugizi w’inama nshingamateka
Umuvugizi w’inama nshingamateka Alexis Badian NDAYIHIMBAZE amenyesha ko ata kintu na kimwe cari gutuma batitaba ibikorwa,kuko basaba ko hoba ikoraniro bagatumira umushikiranganji w’intwar hagati mu gihugu kugira bamushikirize ibibazo bibabakiye,ariko ivyo bibazo bakaba batarabitegura.
Itegeko rigenga umugwi w’igihugu uzoba ujejwe ubumwe n’ukunywana hagati y’abarundi,ryahavuye ryemezwa n’abashingamateka 89 bitavye ibikorwa,umwe ntaco yarivuzeko,uwundi nawe yarihakanye.