Cibitoke : Umupfasoni yari avuye mu Rwanda yafashwe n’igiporisi 

Igiporisi co mu ntara ya Cibitoke cataye muri yompi kuri uwu wa gatatu umupfasoni azwi kw’izina rya Nadine NDAYISENGA yafatiwe ku rubibe Uburundi buhana n’igihugu c’Urwanda, aho bita ku Ruhwa.
Uwo mupfasoni yafashwe n’umukuru w’ikirindiro c’aho ku Ruhwa, mu gihe yari avuye mu gihugu c’Urwanda ku mugoroba w’umunsi wa gatatu. Agifatwa yaciye ajanwa gupfungirwa mu gasho ka komine Rugombo, yagirizwa ko yari avuye mu Rwanda kugendera abagize imyiyerekano y’ukwiyamiriza ugusubira kwitoza kw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA.

Mu giporisi mu ntara ya Cibitoke bamenyesha ko uwo mupfasoni yafashwe ku mvo z’amatohoza. Mu muryango wiwe basaba ko yorekurwa, kuko ivyo yagirizwa bitagira ishingiro.