IV INYIFATO IKWIYE KURANGA ABARUNDI MU BURUNDI BUSHASHA BWISEZERANO (ISIRAYELI YA KABIRI)

« Kuko muri ihanga ryera ryarobanuriwe Uhoraho Imana yanyu ; kandi Uhoraho Imana yanyu yabatoranije mu mahanga yose yo mw’isi ngo mube ihanga yiharije » (Gus.7 :6) … « mugende uko bibereye ihamagarwa mwahamagawe, mwiyoroheje rwose, mufise ubugwaneza, mwihangana, mubabariranira muri mu rukundo, mushishikaye kuzigamisha ubumwe buva kuri Mpwemu umugozi w’amahoro » (Efeso 4 :1-3) 
Kugira ngo Abarundi n’abandi bose bazoba babubamwo bogorore hari inyifato bakwiye kuvavanura nazo uhereye uyu musi bakivyumva. Kubikora uyu musi atari ejo bituma haba no kurindwa kubiriko biraza. Ya mafarasi ndiko ndabona mu kirere mu buryo bw’impwemu, ntakuzurire amaso bikabije. Bimwe mu vyo dukwiye gukora ni ibi : 

9. Uburyo Uburundi bukorana n’amakungu :Mu mburi ya mbere narabandikiye ingene Imana yambwiye uko Abarundi bashaka kubaza ibintu vyose amahanga, amahera n’ay’ivyo bokwikorera bakayasaba amakungu. Imana kuri ibi ntibashima. Yampaye akarorero ku matora. Imana rero ntiyanka ko dukorana ibibereye n’abandi ariko imigenzo yo kwisuzuguza no gusabiriza ntiyemera. Si ivyo gusa noneho, kuko mu mugisha Uburundi bugiye kwinjiramwo, ni uwukomeye kurusha aho, kuko igihugu cacu ari co kizofasha ibindi bihugu muri vyinshi. Kizokwiza ubutumwa bwiza, gitature amatati congere gitange n’ibifashisho vy’amafaranga bigaragara. Ntituzoba tugisaba, bazodusaba.

10. Gusambura ibigirwamana:

« Uhoraho Imana yanyu ni yamara kubashikana mu gihugu mugiye kwegukira, agasohora amahanga menshi ngo ababise, ….muze musangangure ibicaniro vyabo, mumenagure amabuye bashinze, mutemagure inkingi bashingiye Ashera, muturire ibishushanyo vyabo bibajwe. » Gus.7 :5

« Mwubahe Uhoraho Imana yanyu, abe ari we musaba, mwifatanye na we akaramata, izina ryiwe ribe ari ryo murahira » Gus.11 :20

Ng’iki igikorwa Abarundi bajabutse bahamagariwe gukora kizotuma abanyepolitiki batari bake n’abandi Barundi bamogoreye mu macakubiri no gusenga ibigirwamana bazokomerekeramwo ni baba batarizera. Ariko nta kundi, kugira ngo abadayimoni bahunge igihugu, kugira ngo Umwami w’ubwiza yime, abandi bami bategerezwa guhunga. Nta nkuba zibiri zibana mu gicu kimwe. Umutima wanje warahawe kumenya yuko, kugira ngo Imana ihezagire indimiro zacu zimere imyuga yose, n’amazi kugira ngo atange amafi menshi, abarovyi batarinze gutanga uduhanga tw’abana babo, n’ibindi, ni ngombwa ntihongere kuboneka ahantu na hamwe muri kino gihugu haboneka imva n’imwe yubakirwa ngo baze barayunamira. Yoba iya Rwagasore, Ndadaye n’abo bakorana, Manirumva Ernest, Ruhuna n’abandi bagize ibigirwamana bahambwe mu ngo no mu masengero. Ijambo ry’Imana rivuga ko ata yindi yo gushimwa, no kwambazwa, ntiryotwemerera kunamira ibiziga vy’abantu bapfuye, naho boba bari bajejwe iki. Ni co gituma, ivyibutso canke monuments bihurikiramwo abantu baje guhimbaza ibindi Atari Imana Data Rugiravyose, bikwiye gusamburwa vuba mu mitima y’Abarundi no mu bibanza vyubakiyemwo. Kuko ni ibigirwamana. Icibutso ca Mose ko yacanse bikayitera kumwiyicira no kumwifubira, mbega ikunze ica Papa, Perezida, Manirumva, umuganwa Rudoviko n’abandi mwemera ? Nanje abo ndabakunda kandi ndabubaha. Ariko ijambo ry’Imana riri hejuru yabo. Uturorero tw’ivyo gusambura :

• Sancturaire marial yo mu Gikungu kuri Mont Sion: Abantu bakoranirayo bagiye guhimbaza Mariya nyina wa Yesu haguhimbaza Yesu yamuremye !! Bagahimbaza umuntu yapfuye barangamije amaso ku kibumbano ngo « gihezagiye». Bishoboka ko kuri bamwe, abana, abakehabwenge, n’abandi bakomeye bavyizera uko boba bibaza ko Mariya, canke Bikira Mariya nk’uko abibaza ko atamenye umugabo bamwita (ariko si vyo) yoba ari muri ico gishushanyo ;

• Icibutso c’ubumwe i Kiriri : Mu gukorera ibimenyetso imbere y’ico gishushanyo, abantu baba bizeye y’uko ubumwe bw’Abarundi, nimba buriho tubukesha ibikorwa vy’agakura vyabaye mu kiringo kanaka, bakabikorera ico cibutso. Ariko cane cane, ku rwenge, baba bibuka ababikoze, naho nyene, Imana ishatse guhishura ivyiyumviro binyegeje vyari muri bamwe bamwe bari muri uyo mugambi, benshi mu bunamira kirya gishusho bagiha n’amashurwe kitakira, boca bihana barira. Kubera ivyo musanzwe muzi namwe bitoborohera kuvugira hejuru, ni mundeke nanje sinirirwe ndavuga ivy’ukuraguza n’ukguterekera Imana ihishura muri bamwe muri bo vyoba binafatanye n’umugambi wo gukora birya vyibutso mwunamira mutazi ivyo mwunamira ivyo ari vyo. Imana idufashe cane. Bamwe ndazi ko bavyunamira ku gutinya igitsure, ariko harageze ko umuntu wese agumya neza ico yakiriye, agahagararira kandi akatura ivyizigiro bizima. 

Mbega iyaba birya bikorwa, n’ababikoze bo n’ibishushanyo vyabo vyarimwo ubumwe, bobaye bariko barangazanya, batoraniye ibibando? Mbega umuntu ntiyokwiswe umuntu, ugira ngo tworinze kuba abahutu n’abatutsi n’abatwa, na Fifty Fifty, na 40%, na fosses communes, canke ibinogo vyimbirwa benshi, n’uduhanga mu nzuzi, n’ibindi ntomenya? Ugira ngo ubu twobaye dufise ama karitiye ayoboka ubutegetsi, n’ayandi yitwa ngo “amakaritiye amwe amwe”? Ariko ntibitangaje cane kuko ni ubumwe bwo mu cibutso. Intumwa Paulo we, yandikira Abanyefeso (Ef.4 :3) abakangurira kugira ubumwe bukomoka kuri Mpwemu w’Imana. Bene ubwo bumwe ntawobubumba canke ngo abucape abushobore, kiretse afise ikaramu yandika imisi yose mu mutima wiwe ngo: ihebere mugenzawe, ukunde umwansi, uharire gushika ku ncuro y’indwi. Erega ivyo Paulo yabivuze kuko azi ko hari ubumwe bukomoka ku zindi mpwemu, kandi na bwo nyene buza bwita ubumwe. Ariko nk’uko twagiye turabibona mu bihugu vyinshi, harimwo Uburundi, bene ubwo bumwe buciye mu madiri ya politike n’irementanya ry’ivyo bita demokarasi bitarazana amahoro mu gihugu na kimwe co kw’isi kiretse ukwiganza n’agashinyaguro abafise ibitugu bagira ku bandi, bubonekanamwo umuhoro mu mahoro, abakeba bakabwirana bati amahwe bahonyoreye ku mahwa. 

Mbega ko hari Imana imwe kandi ari yo itanga amahoro, iyo uburongozi butayifise « mu kuri », ariko bukagira abapfumu n’ibigirwamana vyubakiwe mu tuzu tutamenyekana canke ibigirwamana vy’ibikoko bigaburirwa (inyoni n’ivyikwega n’ibijwigira,…), bikarindwa ngo bibahe kurara no kuramba, bwotanga amahoro n’ubumwe bivuye he ? Harageze ko dukanguka. Jeho navukiye kuvuga ibi hama nipfire nsange uwo nkorera. Mweho kuko mwabaye abahinga muravuga muti : Vuga make, wa mugabo turi mw’isi. Ni vyo turi mw’isi, ariko tugenda nk’abaja mw’ijuru.

• Icibutso ca Ndadaye, n’incungu za demokarasi: Musome imburi za mbere munasenge mumenye demokarasi ico Imana iyita. Uhoraho yavuze kera ati: Abantu banje bishwe no kutamenya. Mwomenya iyo demokarasi yazananye, mwokwisuka mu maraso ya Kristo ngo aboze ata kagobero. Mbere abavuganye na ya mana iriko irimika ba Beyonce, ari nabo batuzaniye demokarasi, bagira banuzuze umugambi wabo babatere ka kamenyetso ka 666 kugira ngo “baborohereze” ubuzima, ntimwongere kugendana amakarata menshi mu ngodo no mw’isakoshe. Muze mukurikiranwa aho mugeze hose. Ivyo se ntivyorohereza umuntu nka demokarasi? Ntaco mvuze. Bibiriya ivuga muri Danieli ngo: Abazi ubwenge bazobimenya.

• Icibutso ca Rwagasore: Uyo ni icibutso c’ukwikukira. Sinshaka kubaza ko Uburundi vy’ukuri bwikukiye tuzi ivyo kuraguza no kwica no kwiba vyakoze mu ntwaro zabwo, kuko mweho munyumva mufise izindi nsiguro zo kwikukira. Ariko jeho, buca ari umusi mukuru wa “indepandansi”, Imana yambwiye ko umuntu yikukiye ari uwusigaye arongorwa na Mpwemu, atakirongorwa n’abadayimoni. Kumbure rero mweho murazi ko Uburundi bwikukiye. Abagiye barabisikanya n’ababafashije barabizi kuturusha. Hari ico ntakekeranyako, ni uko, umwe yabwira Abisirayeli ati: Ni je Mwami wanyu, nta wundi mwami muzogira, nzobaragira amaja n’amaza, nabo bakagwa bashinye bati duhe umwami wacu wo muri twebwe nyene, uyo ni we wenyene ashobora guha igihugu kuba cikukiye. Nayo ibindi vyose …nobisiguye ariko muramaze kwibonera ikirimwo namwe.

• Ivyibutso vy’ubwicanyi bw’ikivunga canke génocide: ni ivyibutso vyubakiye ku macakubiri kurusha urukundi canke umutima wo kuvavanura n’ikibi. Nico gituma bashiraho ivyibutso vyo « kwibuka » nk’aho umengo abaguma bavyibuka buzuye urukundo n’amahoro kurusha abandi. Sinabikurikiranye neza, ariko, sinzi ko uwokwihweza neza imitima y’abagize umugambi wo kwubaka icibutso c’abahutu biciwe Kanyonaga na Kagoma i Taba mu ntara ya Gitega, n’abari inyuma y’umugambi wo kwubakira abatutsi bapfiriye mu Kibimba yosanga aribo ntwari n’abanyakigongwe bo muri kino gihugu c’Uburundi. Nfise ubwoba ko twosanga ari igihushanye. Icompa nkaba nihenze ;

• Icibutso ca Papa Yohani Paulo wa kabiri kiri mu Mutanga Nord. Uyo, yaramaze gupfa, yemwe! Ivy’uko yoba ari mw’ijuru canke mu muriro, tubirekere Imana, naho twisunze ijambo ry’Imana ico kwifatikiza kitabuze. Ariko kugira ntidusange Abarundi bahaca n’abahaba batariko baraterekererwa umuzimu w’urya mugabo yigendeye, ndabahanuye ku neza y’Abarundi bose, kimenagurwe vuba bwango; impwemu zikorana na bene iyo mizimu, abanyempwemu murazi ico zikora cane cane ico zikorana n’abazishizeko imitima mw’ijoro. Nihuse kunuma kugira humvikane vyinshi kurusha;

• Ivyibutso ivyo ari vyo vyose vy’abantu bitwa abadasanzwe vyo mu buryo bw’amafoto, y’abariho n’abatariho, bambara ku mahuzu berekana ivyiyumviro vyabo, ndabahanuye, ni ibigirwamana gusa. Vyokwitwa ivy’abakuru b’imigambwe canke abapfuye. Ni muze tujabuke;

• Utunyabugoro two mu kirundi n’ibindi bibanza vyihishije. Hari ibibanza vy’inkino bimwe bimwe numva Imana ishaka gufukura ivyavyo, ubupfumu bwabo bw’ikirundi n’ubwo mu buryo bwa Franc-maçonnerie bukamenyekana;

• Amahoteri y’ubumaraya dusanga hagati muri karitiye;

• Ibimenyetso vya Satani abantu babitse mu mazu n’ivyo bagendana vyo mu buryo bwinshi: amashapule, imidari iyo ari yo yose, yoba iy’udushimwe dutangwa mu nkino n’iyindi yose, udukingirizo ari two capotes mu gifaransa, ibimenyetso vy’amashirahamwe amwe amwe bimaze kumenyekana ko ateye amakenga, ibimenyetso vy’imigambwe, ama tatouges, n’ukuvuga bimwe bandika canke bacapa ku mubiri bidafutika, vya bimenyetso vy’ibikankara vy’aba illuminati bisigaye biri ku mbpuzu nka zose, ibimenyetso vy’amadini, ibimenyetso vy’aba satanistes bihishije mu rwenge nka bimwe vya dessin animé, berekana umuntu ari igikoko mu bitabo na tereviziyo, urongora abandi akerekanwa nk’inyamaswa (kuko ivyo birimwo ibanga ryavyo ritarinda gusigurwa), n’ama logos canke ibimenyetso biteye amakenga. Amahereni n’ibisuko (umugara wa Satani), biri muri urwo rutonde.

Erega impwemu yategetse ko wambara ikiranga ubugarariji, niho iba iri, aho nyene wibaza ko hari igicapo gusa. Noba kumbure ndengeje urugero mu kubwira abanyamubiri ko abari mu mpwemu ivyo bikankara n’imizimu bavyeretswe vyitambukira. Ivyo ndabinumye sindenze urugero. Ico nzi co nawe utokekeranya ko ni uko uwo ukorera publicité, mukumwerekana, ubishaka canke utabishaka, ubishize ko umutima canke ubigira utabizi, we kuko aba agiriwe neza nawe, ntabuze ico azoguhemba. Ico irya mana y’epfo ihemba naco kirazwi.

• Ibinunusi canke poupees mu gifaransa: Muzi ko ipampa bikozwemwo gusa ariko benshi numvise bamaze guhishurirwa ingene mw’ijoro babibonye vyitambukira binabatera. Sinshimye kubagoza intahe nyinshi n’amayerekwa menshi. Senga ntutsitare. Imana izokwemeza ibanga riri mu kuryama mu binunusi vyinshi warabuze akana na kamwe, hamwe n’iryo kurindwa no guhozwa n’imbwa z’ibinunusi hakumvira amahoro mu maboko y’umuvyeyi. “Abazi ubwenge bazobimenya”.

Bene Data, ivyo, n’ibindi vyose muhishurirwa musenga, muvyirinde, ni ko Uhoraho yanyongoreye, kuko abizera hari ikimenyetso twaronse, ni kmwe. Yesu yasize avuze ati: Sinzobasiga mwenyene, nzobarungikira umwitsa. Erega igihe babwirwa gutyo, bariko biburanya mu mitima bibaza bati : Mbega none ko bahora batwubaha, kumbure bakanadutinya kubera batinya Yesu ari muri twebwe, akora ibitanga bihambaye kandi yadutoranije, none agiye, tuzoba tubaye abande? Ikizosigara kirerekana ko turi abiwe ni igiki? Abanyamubiri batari bwuzure mpwemu, ntiboreka kuba baribajije ivyo, noneho rero baranerekanye ubwoba na cane kuko Petero yumvise ko agiye kubambwa yaramubwiye ati: Ntibikabe, Mwami wanje. Nawe ati: Mva inyuma Satani. Yesu yaciye abemerera ikizobaranga ko ari abiwe, kikabarinda, kikanabakoresha. Ntabwo yabasigaranye amakanzu ashonye ukuntu kanaka, nk’uko abo bigoye kwemera ubutumwa ngo barondere umwambaro w’imbere babikora. Dawidi we yavuze mw’i Zaburi 96:10 ati: “Musenge Uhoraho mwubashe, mushazishije ukwera: Yemwe abari mw’isi mwese, muhindire agashitsi imbere yiwe”.

Yesu ntiyashimye gusigira abakuru b’abandi akantu k’igitangaza babohesha mw’izosi k’aga stola, ntiyabasigaranye n’umusaraba w’igiti canke w’izahabu bambara canke biremeka, oya, ubwo ni ubufarisayo, ntiyabasigaranye n’ibimenyetso bambara bindi nk’amashapule n’imidari n’utundi bambara kun toke mu gusenga nka tumwe aba Katorika basangiye n’aba Isilamu, bakagakoresha, bamwe bahamagara Mariya nyina wa Yezu, abandi Allah, ya mana itatutmye Mpwemu mw’ishengero, imwe itazi Yesu nk’umucunguzi. Yesu ntiyasize ibirabishwa n’amaso y’umubiri babaza, babumba canke bacura. Ntiyasize ivyo bagura mu ma butike no mu masoko no mu ma alimantasiyo. Eka. Kuko ivyo ni ibibora, ni ibitakara, ni ibimeneka, n’ibisaza, ni ibipfa, mbere ni ivyica. Yasize ikizima, gikiza, kidatakara, kidatangirwa mu kaguriro, kiva mu kwihana ivyaha, kubatizwa mu mazi menshi, no mu kuba mw’ijambo ry’Imana rivuaga urukundo, ni Mpwemu w’Imana, Mutima Mweranda, umwitsa. Amen. 

Ico ni co kimenyetso co nyene c’abera. Ibindi vyose, turetse ko bihumanye kuko vyerekana ic’impwemu atari impwemu y’Imana Nzima, ni ivy’ubgibone, bigereranijwe na bimwe Yesu yivugira muri Mat.23:5 “Ariko ibikorwa vyabo vyose, babikora kugira ngo barabwe n’abantu, kuko amambe yabo yanditsweko amajambo y’Imana, bayagira manini, ubuyonga bw’impuzu zabo bakabwongereza”. Impwemu z’ubwo bwibone ni zo mpwemu zibwiriza abantu kurondera ibimenyetso bigaragara ngo bamenyekane. Izo ni zo zisunikira kubaka ku ma dini n’ama minisiteri ama pancartes ariko amajambo y’agahebuza, n’imisaraba ku mpome, n’iminara idasanzwe, n’ama foto y’aba fondateurs, ba Representants, aba stars babo baririmba, ibishushanyo, n’ibindi. Ivyo ni vyo bikwiye kuberekana kuko icoberekanye Yesu yavuze batakigira ngo kiberekane. Kuko ico cerekanwa mu vyama vya Mpwemu dusoma muri Gal.5:16-26, nabo ibikorwa vyabo bikaba bigwanya ivyo kuko ari ivy’akameremere.   

Bene Data ndazi ko vyinshi muri ivyo bimenyetso vya Satani bibateye ubwoba kuko ataco mwavyibazako. Ariko ni kubwo guhishurirwa no gucira bugufi ijambo ry’Imana mbandikiye ivyo. Nabarinze vyinshi kugira nce make, kuko ibi vy’ibimenyetso novyandikako igitabo cose, maze ntimwongere kugira ikibazo mubaza, ariko humura Mpwemu ni we wo kubasigurira, mwirinze impari no guca imanza, mugasenga. None Daniyeli, ntiyanditse kera ati abazi ubwenge bazobimenya? Kandi Bwenge ni Kristo. Kandi iyo mbandikira ivyo muzi gusa, nta kamaro ko kurinda kuvyandika kari kubaho. Salomo yahanuye mu migani ati: Mukunde kwigishwa. None mu gihe kiza, abanse kwambura impuzu ziriko ibikankara vy’aba satanitses, ngo n’uko zabazimvye, n’amakofero ariko ibimenyetso vy’aba Nazi, n’ama foto y’abariho n’abapfuye bari abagwanyi canke abapfumu bemera cane bakemera ko imizimo iri inyuma y’iyo mikorere ibakoresha mu buryo batazi, vuba cane ntibagiye kwambara ibimenyetso vy’imana zatumwe na kuzimu, nka Beyonce, Migurumiko, na bamwe biyita Nyenubweranda, maze imana yabatumye kwishira hejuru igaca ibagira abaja bayo? Jeho ndazi ko ibi mvuga nzobizira, n’umwami wanje yarabimbwiye, ariko nzoba nzize ikiri ukuri, kandi ico gihe, nk’uko ijambo ry’Imana ribivuga, nzomenya iyo nzoba ngiye. 

Ariko weho uzize kwamamaza umuzimu w’umukuru w’umugambwe, umuzimu w’umwicanyi, imizimu ya ba Kackson na ba Bob Marley bahinduye imibiri yabo mu rwego rwo hejuru bakigisha urwaruka kunywa urumogi kugira rukore ivyo batokubahuka gukora nk’ubusambanyi n’ubwicanyi, iherezo ryawe rizoba irihe? Ko mbona isi ubu nyene ihejeje kwakira ca kimenyetso 666 mu kuboko no mu bihindi bihande cavugwa mu vyahishuriwe Yohani 13, kumbura urwane iyi ngwano y’ukuri wemere guhamwa nkanje, kuko abahamwa uko vyagezwe, badahowe ivyaha vyabo, bazohabwa igitsibo c’ubwiza (Yakobo 1:12-18). Nuko rero abemeye gutururuza ivyo bihangange vyigize abami n’imana mw’isi mu buryo bwose muremeshwe n’aya majambo naraye mpawe na Mpwemu w’Imana:

“14 Yamara naho mwobabazwa, muhowe ukugororoka, mwoba muhiriwe. Ntimuze mutinye ivyo babakangisha, ntimuhagarike imitima, 15 ariko mwubahe Kristo mu mitima yanyu ko ari we Mwami, muhore mwiteguye kwishura umuntu wese ababajije inyanduruko y’ivyizigiri biri muri mwebwe, ariko muri n’ubugwaneza, mutinya, 16 mufise imitima itarimwo ijwi ribagiriza ikibi, kugira ngo no ku vyo muvugwa nabi, abatuka ingeso zanyu zo muri Kristo bamaramare. 17Ivyoba vyiza, n’uko mwobabazwa, muhowe gukora ivyiza, ari co Imana igomvye, hako muhorwa gukora ibibi. 18 Kuko na Kristo yababajwe rimwe ahorwa ivyaha, umugororotsi yababarijwe abagabitanya, kugira ngo adushikirize Imana; yishwe umubiri, ariko yahinduwe muzima mu buryo bw’impwemu”. 1 Pet.3:13-18. Amen. 

• Ivyo ntokwirirwa ndavuga n’amashengero ya Satani yo mu kinyegero, kuko bene ayo agereranijwe n’ibitabo vyo ku mpinga z’imisozi: ayo yo azosha canke atwarwe n’ibihuhusi. Numva ibibanza bimwe nka Karitiye Aziatike, Buyenzi n’ama catedrale yahambwemwo abasenyeri atazokoroherwa. Amagume agitangura nahawe gusengera Karitiye Aziatike ndayizunguruka, haheze amezi menshi ndahumvako inkuru yo mu buryo bw’impwemu ntovugira aha. Ariko ndabahanuye, abanyamareba bo mu madini baho bihane vuba, kuko boshobora kujana n’ivyabo vyavuye mu kugabitanya. Kuzimu kuzosubirana ivyakwo. Si bob bonyene, n’abandi bose babivye umuyaga bazokwimbura agashururwe, aho bari aho ari ho hose, ivyo bajejwe ivyo ari vyo vyose. Bihutire kwihana gusa bareke amadiri yo mu madini yo kurara bararoga abakristo ngo bariko barasenga, Imana ntihendwa. Igira yirwanire yo yonyene. Abasenga Allah bose bihutire kwihana no kwakira Yesu nk’Umwami n’Umukiza, binjire mu bwato. Mbateye akamo numvira Mpwemu w’Imana igira ice izigororotse vuba. Ko nanje nubahutse kuvuga ibi abasenyeri batavuga, reka gutinya ibitsure vy’abinjiye i bwina mw’ibanga ryo kubaroga. Yesu araje. 

Ivyo vyibutso vyose ni ibigirwamana gusa, kuko mu gishingo co kunamurira amaso Imana yaremye vyose, yica igakiza, wunamurira amaso umuntu yapfuye, n’ukuvuga umuzimu wiwe, ukamuhamagara uhamagaye umuzimu, ukaramutsa umuzimu, bamwe baranamuririra, ukamushimira kuvyo yakoze mu gishingo co gushimira Imana, ukamuhimbaza mu gishingo co guhimbaza iyamuremye n’iyamukoresheje ivyo ushima. 

Biranatangaza n’ingene abakozi b’Imana usanga bahenzwe bakunamira imizimu basubiramwo ibimenyetso abapagani b’abanyepolitike bakoze !! Ivyo ni vyo bituma vyagiye bidukwegera indyane mu gihugu bakabisuka ku banyepolitike b’abapagani. Ariko ivyo kumbure ntibitangaje cane kuko kenshi na kenshi bikorwa na bamwe biyise amazina y’Imana tumaze kuvuga. Iyo mizimu na bagenzi bayo ni bo baca barara baragutemberera mw’ijoro ukarara uri mu ntambara kanaka ukavyita ibisanzwe ngo ni indoto. Nanje narasomye bimwe bimwe vyo muri psychanalyse na filosofiya, ariko nagiye gutegera ivy’indoto nkijijwe.

Ninde muhinga atagira Mpwemu w’Imana yonsigurira ingene kuva nkijijwe ntakirota ibisigo binyirukako, nkoroka ntashika, ndara nfumbatiriye ibifaranga vyinshi bwaca nkabibura, ndara ndanigana n’inzoka n’ibindi, ariko ndara ndumva ico nkwiye kubwira kanaka, ivyo nkwiye kwisengerako, imirongo ya bibiriya nkwiye gusoma n’ibindi nk’ivyo ? Ntibigarukira aho gusa. Ku rwego rw’igihugu, iyo iyo abserukira ihanga ryose, mu rwego rw’intwaro no mu rwego rw’abakozi b’Imana bose bumvikanye kunamirira icarimwe no guha icubahiro umuzimu wa Rwagasore, hama bakabikorera Ndadaye, bagashirako Ntaryamira, abandi bashirira amashurwe umuzimu wa Nshimirimana Dorufu mu mayirabiri bakambara n’ibimenyetso vyiwe, ivyo birangiye bakagira rimwe ku musi w’izuba (sunday) gukomera amashi igishusho ca Bikiramariya i Gikungu canke ahandi, n’ibindi bikurikira bibera mu kinyegero n’abasangiye amabanga amwe amwe atavugirwa hejuru, mbega mumaze guha icubahiro Satani muri urwo rwego, mwibaza ko Imana iba ireze amaboko? Ariko Dawidi avugishwa mw’izaburi ati : Ivyo urabikora nanje ngahora ukibaza ko mpwanye nawe. Ariko nzobitondesha imbere yawe uko bingana…

Ariko rero igihora kintwenza no ku bakozi b’Imana, ni uko, iyo gasopanye, Uhoraho asohoye burende n’imipanga ngo yimare ishavu, baba bazi ivyo bakoze n’ico ijambo ry’Imana rivuga kw’ihanga rizokimagiza ibigirwamana mu nyonga zayo, ingene Uhoraho azorirekuriramwo inkota, ariko bagatonda umurongo gusuzumira ivyabaye Arusha na Kampala na Addis na Cape Town, ibiba vyabaye kandi bibari hafi muri bibiriya Yera!!

Iyumvire namwe:

“1 (…) 3 (…) Uku niko Uhoraho agize, ati Ewe wa gisagara kivishiriza amaraso hagati muri co, kugira ngo igihe caco gishike, kikironderera ibigirwamana ngo ciyanduze! 4 Wikwegeye gucirwako iteka kubg’amaraso wavishije, kandi wiyandurishije ibigirwamana wirondereye; ni wewe wateye ko igihe cawe kigushikako, mbere ushitse ku ntozo y’imyaka yawe: kubg’ivyo nguhinduye igitutsi mumahanga, n’agatwengo mubihugu vyose. (…) 14 Mbega umutima wawe uzoshobora kwihangana, canke amaboko yawe azokomera, mumisi nzobikubaza? Ni jewe Uhoraho mbivuze kandi nzobikora. 15 Nzogushwiragiriza mumahanga, ngusabagirize mubihugu; kandi nzokumaramwo ubuhumane bgawe. 16 Ni wewe ubgawe uzoba wariyandurije imbere y’amahanga; maze uzomenya y’uko jewe ndi Uhoraho.” Ez.22: 1-24 

Sintyoje abahinga mu vya politiki ko ataco bashoboye, ariko murumva ko umunyempwemu ari we wo kwinjira mw’ijambo neza akamenya ico Imana iriko irahora igihugu. Kuko umuhinga mu bwenge bw’isi abona ivy’uyu musi, agahanga amaso abafise ibirwanisho kugira asigure, ariko umunyempwemu abona inkomoko n’unuzi w’ikibi iyo vyavugiwe n’iyitihenda, yaremye abo iba iahaniye yo nyene. Umunyepolitike nawe abona abo ikoresheje mu guhana. Nizere ko mbateye inyota yo gukizwa.

​Ve muri iyo mizimu Imana ishaka kuduhezagira, niko nabwiwe. 

Tugiye kwinjira mu gihe aho uwuzorahira azokwirahira izina ry’Imana Data gusa, aho abariririmba bazoririmbira Data wo mw’ijuru gusa apana aba perezida n’ababagabiye, aho abatimbo bazovugiriza ingoma Mesiya gusa kuko Imana izoba iganje hose muri vyose.

Uwahawe gukura Abisirayeli muri Egiputa, Mose, we, kurandura ibigirwamana yabivuze mu majambo yumvikana, yihanikiriza kudasubira ivyo bazize ubwa mbere, kugira ngo baramirize imbere Imana ibahezagirire isi yame ivyayo. Yerekanye ko hatabaye gusubira mu bigirwamana, ijuru rizoduhezagirira indimiro n’ibiyaga, n’imisozi, kimwe kimwe cose kimere ivyaco. Uko ni ko Mose avuga ati :

« Ariko mwirinde, imitima yanyu yoye gusukwa, mugakikama, mugasaba izindi mana, mukazisenga, uburake bw’Uhoraho bukabaziriringira, agakinga ijuru kugira ngo imvura ntigwe, isi ntibe ikimerako ibintu, mukazohava muhona bidatevye, mugashira mu gihugu ciza Uhoraho yabahaye.” Gus.11:16-17 

11. Inyifato Abarundi bakwiye gusezerera : Amacakubiri, ishari n’inzigo, ububeshi hamwe n’ubusambanyi, kuraguza n’akaborerwe hamwe n’agakengere. Ivyo birazingamitse Abarundi. Binaboneka ko mu magume Uburundi buzobamwo, mu bihe biri imbere, hazobonekamwo cane amacakubiri. Ndiko mbona abakora muri Leta bahamwa bagafatwa nk’abafashe mu mugongo abishe urwaruka mu bihitiye. Noshimye kuvuga n’ibindi biseruka iyo dusenga, ariko kubera benshi bari mu mubiri badasenga vyokonona vyinshi kurusha ivyo vyofasha. Ariko kubera twese tuzi amacakubiri ico ari co, reka tucumva akamo, twikone gose kuri ico cago, kuko, vy’ukuri bizokwegera benshi. Hari abantu bariko baripanga mu nkomezi nyinshi ngo baze bamare benshi bashoboka batagira icaha. Mbamenyesheje ko ivyo bamaze kubikora bazobona ivyago bakicuza ico bakoze. Ariko rero, turavye abahitiye bica basaze, abandi bari kwa Legentil, abandi bafise vyose ariko babaho binyegeza, abandi bapfa batariye ivyo begeranirije mu bwicanyi, ibitwigisha vyari bikwiye kugira ngo twirinde ko ico giti kidukora mu jisho kandi. Iruhande y’ivyo vyago vyo mw’isi, na Gehinomu irarangaye. 

Mumaze kwibonera ingene gukengerana no kwikunda bikabije bituma Abarundi batemera gutonda umurongo, file indienne, mu gifaransa, iyo batonze kuri gishe iyo ari yo yose. Ivyo nta handi ndabibona Atari mu Burundi. Umuntu wese ashitse ku biro, kuri gishe, kw’i butike, aca aska kwakirwa imbere y’abandi mu kagaye bivanze n’ubujuju budasanzwe, kuko abazi ubwenge bubaha abandi, bakamenya ko ivyo bifuza ari navyo abandi bifuza. Mu Burundi hari ingeso mbi y’uko ushitse aho batonze, umaze kwibona ko ikirato cawe kiruta ic’abandi, umaze kubona ko ubasumvya amabanga ujejwe naho nyene urabishije ijisho, umaze kubona ko ubasumvya igihagararo, n’ibindi, uhita ubacako bose ataco wiyagiriza ukamengo ukoze ibisanzwe. Wovuga ko wihuta, ariko, turetse ko ata n’uwo uba ubisavye, abarusha ibirato bisize neza abandi ntibisigura ko ari bo bihuta kubarusha, ako ni akagaye gusa. Umunyagihugu mutomuto arwaje umuntu yabuze amaraso arihuta kurusha umutegetsi agira aje gutera urukumu kw’ikonje y’umukoreshwa. Reka ivy’akagaye. 

Uko kwikunda gukabije ari nako gutuma haba ubusuma burengeje, kunatuma abadereva badashobora guha inzira ugira yinjire mw’ibarabara rikuru n’umuduga canke ipikipiki. Ikitibagiwe co n’uwugenda n’amaguru, naho yoba yibungenze canke arwaye biboneka. Abagenda n’amaguru canke n’amakinga bobo aca bitwa abahimbiri bagorana, ubwo nyene.

Mu bihugu biteye imbere, ata bimenyetso bitanga uburenganzira bihari, abinjira mw’ibarabara barubahwa cane. Igihugu kitagira kubahana no gusonerana mu kwihebera uwundi, nta terambere ry’ukuri ryokibonekamwo, kuko abantu baba ubusimbirahamwe. Umwe wese akirwanira priorité yiwe canke uburenganzira bwiwe gusa, ni ingwano gusa. Kurwana na bene izo nyifato rero, bizotuma Uburundi bwifuzwa, bugira igikundiro, abntu babuzanemwo imitahe yabo, babutemberemwo, babusabemwo akazi babuzaniye ubuhinga mvamahanga. Biraronderwa. Ntimwumve ngo Imana izokora ibi na biriya, izobicisha aho nyene, ko inkundiye kubihanura. Yeza imitima y’abo ikunda ikabagira abakundwa, bakaronderwa. Kunda mwezwe rero.

Narababaye cane ndi muri Leta zunze ubumwe za Amerika muri 2002, umunya Niger yakoze mu nteko zafasha Uburundi twari kumwe mu rugendo avuga turi mu bunywero abwira inshengero ry’abantu ati : « Naratembereye isi yose, sindabona abantu banywa cane ibiboreza nk’Abarundi ». Numvise zinkorotseko mpisha amaso, kandi jewe nanywa n’ukubaye canke nkanareka. Yemwe, kazoza y’utu baju n’utu beshu two muri BRARUDI numva idasanzwe kuko abejejwe ntibongera guhumanya imibiri yabo n’ubwenge bukinjirwamwo n’ubumara bubatera gusambana n’uwo batanazi. Bukeye ntibanamenye n’ivyabaye. Ivyo ni vyo bibera muri BRARUDI. Iyo bayivuga ngo niyo ihemba abakozi, n’ibindi. Imaze gukorera abantu vyinshi ntanavuze, umengo ni ba bagore Ezekiyeli 8:14 yavugishwako bariko baborogera ikigirwamana Tamuzi. Ariko i ruhande y’Imana isezeranira Uburundi, jewe ntaco noronka mvuha ku tubaju twuzuye ubumara bwica ngo ndadupfukamire ngo nitwo tuzotunga Uburundi. Kuko n’ibitoke vy’urwarwa, uretse imihwi kumbure n’ama confitures twoshobora guhinguramwo, nibaza ko ata kindi bizomara. Izo rero n’izindi mana zo kurekura kuko dusezeraniwe n’Imana nzima, iyavugishije intumwa Paulo ko imborerwa zitazobona Imana.

12. Itariki 28/10/15 : Urukundo rw’abanya Cankuzo ni nk’impuzu yanduye. Bene Data bo mu Cankuzo, usahaka kwambuka, ave mw’ishari n’inzigo. Ushaka umugisha uva ku Mana abanza kuwifuriza mugenzi we, naho yoba ari umwansi. Nayo ufashe agati umuzibura mu jisho, ukamauramutsa mu buryarya, ukamugemurira ushizemwo isumu, mu rubanza ukagenda ata mutima mwiza wo kumufasha umufitiye ariko ari ukugira ngo abantu babone ko wahagarukiye, indavyi mbega ntibiraba ikihorera ? Ariko izobitondesha imbere yawe uko bingana, ni ko Dawidi yabivugishijwe. Umwana w’umubanyi aronse diporome, uravuga uti : Sangwa intzinzi ! ukamugumbira nk’ufata igiti kiriko amahwa, ariko ukagumbira. Arenganye uti : Kurya kuzimu agiye kunterana imbere. Kuko umeze gutyo udashaka ineza y’abandi, nawe nta yizotumbera urugo rwawe kugira ugume usubiramwo ayo majambo yabereye abadayimoni umuziki usororongoye. Ko uhinyutse none ntiwoja kwaturira umwe wibutse, ukitatura na we n’Imana, ugasaba imbabazi imwe ibibonera mu mutima utarugurura umunwa, ukayibwira uti : Naracumuye, mbabarira? Ndakubwire, irazi guharira cane. 

13. Isuku ku mubiri no kwigenga ubuntu:

Ndabahanura, Barundi, bene Data. Umukristo, kuko azi ko umubiri wacu ari ingoro ya Mpwemu w’Imana, birakwiye ko awugirira aho ageza. Birateye isoni ko umuntu ava kumena amabuye yuzuye ivu n’intuguta, n’impuzu aheruka kumesa haraheze indwi zibiri akavyinjirana umuduga wa benshi, mw’ibisi. N’ingenzi zirabiraba zikibaza igituma convoyeur avyemeye. Convoyeur, n’aho we yikenereye amahera, ntakwiye kwinjiza uwicisha imyotsi abandi, ubatera intuguta, uwambaye ubusa, yaba umugabo yarekuriye ipantalo hasi canke umukobwa/umugore yambaye ijipo igera hejuru y’amavi canke yashashe amabere.

Kandi, bene Data, mumaze kubona ko abagira isuku atari abantu batunze cane. Oya, ni abantu bisoneye. Kuko hariho umunyamwanda atunze imiriyoni mirongo ibiri mw’ikebano ku rusenge yoga umubiri wose haheze indwi zibiri, ariko nta mwarimu ahembwa 100,000 Fbu ku kwezi apanze inzu y’ibihumbi 60,000 Fbu amara imisi ibiri atoze umubiri wose canke ngo yambare mu bantu impuzu itameshe canke yamutabukiye. Usanga izuba ryarayimaze ibonerana, ariko ikaba imeshe kubera kwitwararika no kubaha abandi. Umuntu afise isuku, aratubika umukanda ntarye mu gitondo kugira aronke agasabuni k’ijana ngo ntiyoge amazi masa. Ivyo ndavyongeyeko kugira ngo ibituma n’ivyitwazo bibe bike. Abanyempwemu bo murazi ko mu micafu ari ho abadayimoni bururukira baje kugira nabi. 

14. Gukoresha neza umwanya ku musi : 

Imana irababazwa n’ingene kuva mu gitondo gushika isaha icenda Abarundi bitwa ngo ni abakozi baba bari ku kazi. Kuva iyo saha gushika isaha zirenga saha tatu z’ijoro, baba bariko bararya ivyo bakoreye mu bunywero no mu buriro ! hari n’abageza mu gicugu, abandi bukabakerako. Abo bantu botera imbere gute ? Data wo mw’ijuru arabaza. Vy’ukuri ni ko nabajijwe. Nawe ugezweho kwishura, kuko jewe sinabwo buzima bwanje, nabibajijwe ku bwawe. Abatware bo mu Burundi bushasha basabwe gutunganya neza imirimo imwe imwe itwara umwanya abantu ikabahomvya kurusha kubungura. Nk’akarorero, inkino zihumanya nk’umupira (soma Imburi ya gatatu, ikigabane c’ubuhumane), inkino zo gutomboza, nk’amakarata, Rudo, Dames, casino,… ari zo nkino zizana ubuhumbu bushika no guhâna abagore ntizikwiye kuba muri kino gihugu na gato. Abantu batari bake barumvise intahe canke baranibonyeko ingene muri casino, abakinyi basigayo ubutunzi bwabo bwose gushika bakahukana n’abagore babo. Baranumvise ingene abantu bahomba ivyabo vyose gushika aho bata ubwenge, canke batigirira ku bagore, bakabagira ibikoresho.

Ibintu nk’ivyo vyerekana ko uyo mukino ari awa Rusiferi. Atari ukwo kurara barakina, bamwe bukabakerako, bizeye guhava bisubiza amahera bataye, no guhumana muri ubwo buryo bwose mwumvise, nta nyungu n’imwe ikibano cunguka. Urwo rukino rukwiye gukinjura imbere y’izindi. Imana isanzwe yarambwiye kuva kera ngo nsemerere imbere ya za LONA na Casino mbabwira ko iyo mikino ari iya Satani. Narabikoze kiretse kuri Lona ngiye kubikora vuba. Mu Burundi bushasha bw’inganji ya Mesiya, tuzoja ku kazi, dusenge, twinezereze mu binezereza Imana, hama turuhuke. Nta bindi. Ibirenga aho ni ibidukwegera. Ni imigozi abadayimoni buririrako bakadushikira. Ni co gituma tuzobirwanya twivuye inyuma. Abatambira Imana baranonora imitsi, abisonzesha bagatungwa n’amazi basohorera hanze imicafu myinshi cane cane yo mu mafyigo, abubaha Uhoraho nimitima yabo yose, nabo, bo bahora banonotse mu mpwemu no mu mubiri, kandi nta micafu n’indwara z’ivyaduka bibabamwo, kuko ivyo biva ku mpwemu mbi zitobana n’Imana muri bo. Uko ni ukuri kwa bibiriya. 

15. Inkino 

Ndinginze abasenga musenge muhishurirwe impwemu ziri inyuma y’inkino zimwe zimwe. Paulo we, intumwa, amaze gutangura gukina za matches zo kurwana n’abadayimoni mu masengesho no mu kwigisha, yavuze ati : ndatera, ariko si nk’uhusha. Yongerako ati : sinzohagarika urugamba ntarabona ico mpiganirwa. Ico yahiganirwa yahavuye acita ngo ivyo amaso atarigera abona, n’amatwi atarigera yumva, ivyo abagororotsi barindiriye. Ndahanura benewacu b’Abarundi, mbere n’abanyamahanga gukinira kuri ico kibuga ata vyo guhusha birimwo, kandi ico duhiganirwa kiri imbere mu bugingo budashira.

Kumara ubuzima bwawe utera umupira mu muyaga, kugira ube uwinjiza cane bikagusaba kuraguza ku mupfumu no kunywa akamogi, dopage, mu gifaransa, ukica ubwenge n’umutima n’umubiri, ugakovya kwinjira mw’ibanga ry’aba satanistes, kugira winjire mu migwi mpuzamakungu ihambaye ivugwamwo bwa burozi bwa franc maçonnerie, hama, utunga canke ureka ukazorangiriza mu bumuga n’i gehinomu, wari warironkeye izina rurangirinwa, usigaye uri umu star, bimaze iki ? Si uguhahamira umuyaga gusa ?

Turwane ingwano nziza, tuze turangize neza. Ndinde kwibutsa ko kera umupira wari agatwe k’umuntu muzima bacacura bakagatera banezereza ikigirwamana Zeus nka kumwe kera mu Burundi umwami yashinga icumu mu muntu muzima ku musi w’umuganuro ? Ivyo mubimenye mwotahura impwemu ziri inyuma y’ama shampiyona akomeye mukitonda. Mwotahura ingene abantu isinzi bava mu bihugu mirongitanu baje kuraba ingene batera umugere agapira kamwe kakaja mu kirere kakagarukahama kakinjira mw’igori, abantu bakanezerwa, bagaca bafata icumba c’i dolari 300 ku musi bakariha maraya bakarara barasambana, bakabimaramwo nk’indwi, bakarwara SIDA canke bakayanduza abandi, bakamarira ama dolari 10,000, muri urwo rugendo, batsinzwe bagataha bamenetse umutwe, n’aborwara bakarwara, n’abiyahura nabo bagapfa, n’abasara bagasara. Ni muce ubwenge. Biva mu gusenga. Bibiriya iravuga iti : kuki mwonona amafeza yanyu mugura ibintu bitagira akamaro ? 

16. Ubunywero bwo ku mabarabara : Leta irasabwe gutuza, n’amategeko adasanzwe, ububare bwubatse ku mabarabara, abantu bakanywera inzoga mu ma parking, no ku nkengera z’ibarabara, bigatera uruhagarara n’ivyaduka. Nk’i Bujumbura ivyo biteye isibe mu Bwiza, mu Kamenge, mu Nyakabiga no ku Musaga. Aho ni aho bikabije, bikazana n’imigenzo y’isoni nke ibera ku mabarabara, ikorwa n’abahana ibituriranije ngo berekane ubwambure bwabo. Ntituvuze tuti abantu bareke kunywa bivuye kw’itegeko, kuko ico ari igikorwa ca Mpwemu Yera, ariko bikiri uko, itegeko ryo kubaka ubunywero ryo gukura abanywi mw’ibarabara ryihute vuba ku neza ya twese. Bitaraba, polisi ikore igikorwa cayo, kuko nta burenganzira bwari buhasanzwe bwo kunywera mw’ibarabara. Ubwo ntibwonakumvikana na buhoro buhoro. 

17. Kwitandukanya n’abanyamahanga : Gusubira mu vyagezwe (Gus.7 :1-6) :

« Uhoraho Imana yanyu ni yamara kubashikana mu gihugu mugiye kwegukira, agasohora amahanga menshi ngo ababise, ( …) Ntimuze mugire isezeramo na bo. (…) Kuko bohindura abahungu banyu ntibagendanire Uhoraho, ariko bagasaba izindi mana, ivyo bigatuma uburake bw’Uhoraho bubaziriringira, agaca abarandura ako kanya. (…) Kuko muri ihanga ryera ryarobanuriwe Uhoraho (…) » (Gus.7 :1-6) 

Iki ni igihe co kumenya abo dukorana abo ari bo. Ari ku rwego rw’igihugu, ku rwego rw’ishirahamwe, rw’ishengero canke rw’umuntu ku giti ciwe. Abisirayeli basabwe kwitandukanya n’abanyamahanga. Ico gihe, kuko ata Mana Rurema bagira namba, kandi Imana ikaba yari yasezeranije ihanga ry’Abisirayeli barobanuwe, Uhoraho arihanikiza Abisirayeli ko kizira kwivanga n’intakebwa z’abanyamahanga ngo ntizibononeshe ivyaha vyabo ngo zibahindure. Mu gihe ca none Yesu amaze kubambwa, umunyamahanga n’umuntu yanse kwakira mu kuri Yesu mk’Umwami n’Umukiza. Si umuntu wese ngo n’uko atari umurundi. Paulo arabivuga neza ko ku bejejwe n’amaraso ya Yesu …ntihaba hakiri umugiriki, Umuroma, Umuyuda,…ariko haba uwejwe afatanirijwe n’uwundi yejejwe muri Yesu yeza.

Uwanse kwakira uyo Mwami w’abami ariko avugana na Isirayeli ya kabiri, ni umwansi mu bansi, naho yoba ari Umurundi. Ahubwo we, kuko ari uwari yarahamagawe mu buryo budasanzwe akanka, aba abaye umwansi kabiri. Igihe kirashitse aho mu gutanga akazi, umukizwa yejejwe azoronderwa nk’urushinge, atari ku bw’amacakubiri y’amadini, kuko ivy’amadini ntibizoba binakaze, hazoba hari ishengero rimwe rya Kristo, ahubwo kugira kugira umugisha w’uwo munyamugisha ukore mu ruganda canke mw’ishirahamwe rimwakiriye. Icibagiwe co ni umukizwa yabirwa n’umupagani yunamira imana yo mu giti gisa n’umuntu, canke agahonda agahanga hasi ahamagara Allah. Ivyo Imana izobihana birushirije.

Bibiriya iravuga neza uwo abakiwe n’umuco bahamagara uwo ari we. Musome mu Vyak.4:11-12 hama wihane kuko umuranzi, Yesu, ariko arakenguza mw’isi arondera umunyakaranga ngo amuhorahoreshe imirimo myiza nk’uko umuranzi wa Aburahamu yeraguje aronderera Isaka umugeni (Itang.24:10-28). Uko niko mpabwa kubabwira. Yaronkeye Isaka, Rebeka, “umukobwa w’umunyakaranga”. Mbega nawe ubona ariko arakwita umunyakaranga ko mbona ariko ararondera uwo atuma mu rushengero, ariko arondera uwo aha igihugu ngo akirongore nka Dawidi? Ariko ararondera uwo atuma kumurerera impfuvyi nyinshi zigira ziboneke. Umurezi atagira ubugunge n’ubwibone. Uri umunyakaranga?

Amavuriro n’amahinguriro n’amashirahamwe bigiye guhabwa abanyakaranga, kuko abo batiba, bataraguza, canke ngo basambanire n’abanditsi babo mu biro nk’uko benshi babimogoreyemwo. Umu convwayeri canke umudereva w’umunyakaranga ntagenda aratukana muri bisi, ntagenda arabanyweramwo itabi, ntagenda yambaye ibitabutse canke ngo yambarire ipantaro musi y’igisusu (poketi). Abagabo bahitiye mu busambanyi bariko bezwa n’Imana, bihana, Uhoraho ariko arabaronderera umwigeme w’umunyakaranga; wewe ni wezwe gusa, hama uce utekana iwanyu, kuko Uhoraho atazokurondera ngo akubure wejejwe. Nanje numva nifuje gose kuba umunyakaranga. Oya. Aho ndi si ho nshaka kuguma. Numva Uhoraho ariko adutegurira vyinshi.

Uhoraho ariko ararondera umunyakaranga wo gucukura ubutare bugiye kwisuka ari bwinshi; ariko arondera umunyakaranga asubiza ubuntu abapfasoni bari barahenzwe n’abahinga ba droits de l’homme (agateka ka zina muntu) ngo bangana n’abagabo, bibinjiza mu vyaha n’ubugarariji, kuko umugabo angana n’umugabo, umugore agana n’umugore, umwana angana n’umwana, abamarayika bangana n’abamarayika, Imana nayo ingana n’Imana. Mbega ko tuzi ico bibiriya ivuga, ni nde w’ukunganisha abo ataremye? Ikinamaramaje n’uko abo mu bihugu biteye imbere batwarira hejuru iyo mvugo, womengo irejejwe, nib o bataye abagore babo mu nzira. Abo nyene bazanye demokarasi ivuye hariya epfo ntavuze, nibo burirana barongorana basangiye igitsina, kuko ivyo banganishije mu buryo bwabo basanze bitangana. Yemwe! Imana irazi kumaramaza abayipingisha ubwenge bwabo.

Ariko bangana canke bareka, nzi yuko urugo rw’abanyakaranga ari rwiza rwuzuye amahoro kuruta urugo rw’abangana bahayanwa bompi kurira hejuru kumanika ibati. Umusore asoma ijambo, ariko yironderera umunyakaranga ashira mu nzu, atabihawe n’amaguru meza yoshobora kuvunika muri agisida, canke diporome idasanzwe mu vy’ubutunzi yoshobora gutakara mu rwimo.

Uhoraho, angendeye yambwiye ngo mukunde kubakana n’abanyakaranga. Mupfukamye mugahamagara uwababambiwe, hama mugasoma uko yavuganye n’abo avugisha, muca mwironkera umunyakaranga. Ihutire kuronka diporome y’umunyakaranga kuko ubu nibo bagezweho. Ubu kuba uri igihangange kijejwe ibi na biriya, si vyo bihambaye, kuko ivyo bigira bishire, haze ibindi. Kuba uri umutunzi, ntaco bimaze kuko ivyawe bigira bishe. Ahubwo isuzume urabe ko uwakubambiwe akwita umunyakaranga. Abatunzi mwese mutunze mu mubiri mudatunze mu mpwemu, mpawe kubabwira ibi: Turi muci. Abazi iryo zina mugire ico mwibwiye. Ehe inyana irabuze ico yonka. Ezwa. Amen.