Ishirahamwe Croix Rouge Burundi rijejwe gutabara imbabare rimenyesha ko abakozi b’iryo shirahamwe badafise amakuru badashobora gutabara imbabare ku rugero rushimishije, ari naco gituma bashizeho umurongo w’ubutabazi utariha ariwo 109, kugira abantu bakeneye ubutabazi, na cane cane ba ntahonikora bashobore gutabaza iyo bahuye n’ingorane.
Umunyamabanga mukuru mw’ishirahamwe ritabara imbabare, Anselme KATIYUNGURUZA amenyesha ko inkuru abantu batanga biciye ku murungo w’ubutabazi « 109 » zifasha kugira bamenye inkuru zitandukanye z’ivyabaye, nk’ibijanye n’ahantu haguye imvura nyinshi, uruzuba, kugira amashirahamwe ajejwe gufasha kiremwa muntu abimenye, ashobore gutabara abahuye n’ivyo biza canke izindi ngorane zitandukanye.
Mwomenya ko umurongo w’ubutabazi utariha wa « 109 » watanguye gukora amasaha 24 kuri 24 kuva mu kwezi kwa Rusama 2016. Abantu barenga ibihumbi 5 nibo bamaze kuwuhamagarako, muribo hakaba harimwo ibice 83,2 kw’ijana vy’abagabo hamwe n’ibice 16,8 kw’ijana vy’abagore.