Nitanga-Sud: Abantu batatu nibo bakomeretse cane mwisangaya.

Abantu batatu nibo bakomeretse cane mw’isanganya ry’imodoka ryabereye kw’ibarabara ryitiriwe uwa 28 munyonyo mu gatondo ko kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 21mukakaro 2017,hafi y’ikigo ca kaminuza y’Uburundi kiri ku Mutanga Sud.Umuvugizi w’igiporisi Pierre NKURIKIYE yavuzeko iryo sanganya ryabaye nk’igihe c’isaha icumi na zibiri n’iminota 16 ,abantu batatu baca barakomereka bikomeye.

Gushika ubu icatumye haba iryo sanganya ntikiramenyekana.