Umukuru w’igihugu ca Tanzaniya John POMBE MAGUFULI, mw’ijambo yashikirije yakira mugenzi we w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA kuri uwu wa kane, yasavye impunzi ko zotahuka ku bushake bwazo, kuko benshi bahungira mw’ico gihugu bibaza ko bazoronswa ubwenegihugu nk’uko vyakozwe ku barundi bakera bahungiye muri ico gihugu baheruka kuronswa ubwenegihghu bwa Tanzaniya mu myaka ya 2006 na 2007.
John POMBE MAGUFULI yamenyesheje ko ateye akamo abarundi bahungiye muri ico gihugu bashobore gutahuka mu Burundi ku bushake bwabo. Uwo aramutswa Tanzaniya yasavye kandi umushikiranganji w’intwaro yo hagati w’igihugu guhagarika gutanga ubwenegihugu ku mpunzi, kuko ku bwiwe bituma impunzi z’Abarundi zibandanya kwiyongera.
Umukuru w’igihugu wa Tanzaniya yasavye amashirahamwe asanzwe afasha impunzi muri ico gihugu ko atoza arigisha ko mu Burundi hari ingorane.
Muri iryo jambo yashikirije, umukuru w’igihugu wa Tanzaniya arizeza Abarundi bahungiye muri ico gihugu, ababwira ko batokwibaza ko bagiye kwirukanwa, kuko abazohunguka bazobikora ku bushake bwabo.
Mu rugendo umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yagize mu gihugu ca Tanzaniya kuri uwu wa kane, yasavye abarundi bahungiye muri ico gihugu ko bohunguka bakaza gufasha kwubaka Uburundi.
Mw’ijambo yashikirije i Ngara mu gihugu ca Tanzaniya, Petero NKURUNZIZA yamenyesheje ko mu Burundi hari amahoro, ahamagarira abarundi bari mu makambi y’impunzi gusubira mu gihugu cabo kugira baterere agacumu k’ubumwe mu kwubaka igihugu c’Uburundi.