Inyuma y’ivyashikirijwe n’umuvugizi w’igiporisi Pierre NKURIKIYE, aho yamenyesheje ko hari inkozi z’ikibi zihagarikwa hanyuma zikarekurwa n’ubutungane, umushikiranganji w’ubutungane Aimée Laurentine KANYANA amenyesha ko hari abacamanza bakora neza.
Umushikiranganji w’ubutungane avuga ko abacamanza bakwiye kumenya ko aribo bahagarariye igihugu n’abanyagihugu mu bijanye n’ubutungane.
Aimée Laurentine KANYANA avuga ko igihe cose icaha cakozwe kizira gukingira ikibaba uwagikoze, mu gihe naho bibonetse ko uwakoze icaha yakingiwe ikibaba azobihanirwa, kuko abari hanze y’ubutungane bama bavuga ko hari ibitagenda neza.
Umushigikiranganji w’ubutungane yagize ati : « Abo bacamanza badakora neza ni amasato, kandi isato izofatwa tuzoyikubita mu mutwe. »
Umushikiranganji w’ubutungane Aimée Laurentine KANYAMA yasiguye ko icaha cose kizokorwa n’umucamanza kizohanirwa uwagikoze, kandi bidakwiye kuvugwa ku butungane bwose, kuko hari abacamanza bakora neza.
Umushikiranganji w’ubutungane asaba abacamanza guca imanza nyinshi kandi nziza.