Abapolisi basatse mwibohero rikiru rya Mpimba

Abaporisi basatse mu gatondo ko kuri uwu wa gatandatu mw’ibohero rikuru rya Mpimba, ahafatiwe ibintu bitandukanye.
Muri iryo sakwa, nk’uko vyemezwa n’umuvugizi w’igiporisi, hafashwe amacupa 21 y’ikinyobwa Amstel yuzuye, amacupa abiri agaragara y’ikinyobwa Primus, Terefone ngendanwa zine, amaritiro 30 y’inzoga itemewe n’amategeko azwi kw’izina ry’umudiringi, amagarama 250 y’urumogi hamwe n’inusukiro y’isukari.

Mu giporisi bamenyesha kandi ko mu mukwabu wakozwe mu gatondo ko kuri uwu wa gatandatu nk’igihe c’isaha icenda z’ijoro, hafashwe abantu bane, abadandaza umubiri batandatu, hamwe n’abana 20 bo mw’ibarabara.