

Umugambwe CNDD FDD uragabisha uwahoze ari umukuru w’igihugu c’Uburundi, Domisiyano NDAYIZEYE, bamumenyesha ko batazomwihanganira niyasubira gushaka kwifadikanya n’abashatse gutembagaza ubutegetsi bw’Uburundi. Muri uwo mugambwe bavuga ko « bazomukorerako. »
Mu myiyerekano y’ukwerekana inguvu z’umugambwe CNDD FDD yabaye kuri uwu wa gatandatu mu gisagara ca Bujumbura, Sylvestre NDAYIZEYE arongoye imihari ikomoka ku mugambwe CNDD FDD, harimwo n’Imbonerakure, mw’ijambo yashikirije inyuma y’iyo myiyerekano, yamenyesheje ko impanuro uwahoze arongoye Uburundi, Domisiyano NDAYIZEYE aheruka guha Imbonerakure za CNDD FDD zari zivanze n’ibitutsi.
« Haheze iminsi igera kuri itatu atanze impanuro zari nziza, ariko azivanga n’ibitutsi. Kutwita ko turi abahekabwenge nibaza ko yihenze kandi kwihenda bibaho. »
Dimisiyano NDAYIZEYE yagirijwe n’uwo mugambwe ko yashatse kwifadikanya n’abashatse gutembagaza ubutegetsi, mu gushinga urunani RANAC rwari rushize hamwe na CNARED.
Sylvestre NDAYIZEYE yavuze ati : « Ururimi rugasubira kumunyerera tuzomukorerako kugira amenye ico yubaha. Akeneye kuba icitso c’Ababirigi aragenda wenyene. Ntituzomuha agahengwe. »
Muri iryo jambo, Sylvestre NDAYIZEYE yabandanije agira ati : « Uwo wese kuva kubo yashigikiye bagomvye gusambura igihugu, ubu bagihunze bakaba bariko baragaburirwa muri « Biberon » na KAGAME. Bakagaburirwa muri « Biberon » atari abana, bafise ubwanwa, ntabwo bicaye. Bakihenda bakavyonga imbibe z’igihugu cacu tuzobakorerako. Twararurwanye n’ubu tukiriko. N’ubu turacari ku kivi kandi ntikiraduga. Uwibaza ko umuntu ava amaraso tuzomutinya arihenda cane. »
Imyiyerekano y’ukwerekana inguvu z’umugambwe CNDD FDD yabereye i Bujumbura kuri uwu wa gatandatu
Ku mpanuro uwo yahoze arongoye Uburundi yari yahaye Imbonerakure za CNDD FDD, uwuziserukira Sylvestre NDAYIZEYE yamubwiye ko ata cirwa afise atanga ku Mbonerakure, kuko nta mwana wiwe ariyo, atawigeze kubayo, kandi ntakahabe, nk’uko vyavuzwe n’iyo ndongozi y’Imbonerakure z’umugambwe CNDD FDD.
« Arakebura abiwe yavyaranye na ODA ariko abasigaye abareke kuko nta mwana wiwe ari ngaha mu Burundi. Amenye ko ari Sogokuru, ariko ububegito bwiwe adashobora kuburaga Imbonerakure. »
Sylvestre NDAYIZEYE yasavye urwaruka rwa CNDD FDD ko rwohagarara neza, kugira rwame ku ngoma ubuziraherezo.
Mu mpanuro Domisiyano NDAYIZEYE yaheruka gutanga, yari yasavye ko abanyeporitike borinda urwaruka imvugo zimwe zimwe, kuko ruca rutwarwa n’ishavu mu bikorwa vyarwo. Aho yari mu gihe abo mu mugambwe CNDD FDD bari mu myirekano yari yabereye i Muramvya, haheze indwi imwe, bari bavuze ko Urwanda rwobandanya guhungabanya umutekano w’Uburundi, imyiyerekano yindi y’Imbonerakure ishobora kubera i Kigali.