Muyinga : Umwana w’umukobwa atamenyekanye yatowe ikiziga 

Ikiziga c’umwana w’umukobwa catowe kuri uwu w’Imana muri komine n’intara ya Muyinga.
Nk’uko bishikirizwa n’abajejwe intwaro, yaba uwo mwana yagandaguwe ntiyamenyekanye, n’abamwishe bakaba bataramenyekana. Mu giporisi i Muyinga bamenyesha ko amatohoza yatanguye.

Ababonye ico kiziga bavuga ko uwo mwana yoba yishwe inyuma y’ugufatwa ku nguvu.

Ikiziga c’uwo mwana catwawe mu buruhukiro bw’ibitaro bikuru vya Muyinga, mu kurindira ko hari abomumenya.