API : Amashirahamwe mashasha 1160 yarashinzwe 

Ikigo kijejwe kworohereza abanyamitahe mu Burundi API kimenyesha ko naho hari intambamyi zaciyemwo mu mezi atandatu ya mbere y’umwaka wa 2017,amashirahamwe mashasha 1160 yashoboye gushingwa.
Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 25 mukakaro 2017,umuyobozi w’ikigo API Didace NGENDAKUMANA yamenyesheje ko kuva kw’igenekerezo rya mbere nzero gushika kurya 30 Ruheshi 2017,habaye ukwiyongera kw’amashirahamwe kungana n’ibice 3,7 kw’ijana ugereranije no mu mwaka uheze wa 2016.

Muri ico kiganiro,umuyobozi w’ikigo API yavuze ko mu mezi atandatu aheze,igitigiri c’ubuzi bwategekanijwe bwababa 10689,bisigura ko hazoba igabanuka ringana n’ibice 5,5 ugereranije no mu mezi atandatu yo mu mwaka uheze wa 2016.

Naho hari ivyagenze neza, umuyobozi w’ikigo API Didace NGENDAKUMANA avuga ko mu mezi atandatu ya mbere y’umwaka wa 2017 hari ivyatumye ibikorwa bitarangurwa neza n’ababitura ntibatunganirizwe neza.

Ati :« Mu ntambamyi twahuye harimwo ubukene bw’ibikoresho,ubukene bw’uburyo n’abakozi,ingorana ijanye n’ubukene bw’igitoro n’umuyagankuba,bikaba vyatumye ibikorwa bimwe bimwe bitarangurwa neza, n’abatwitura ntibatunganirizwe neza. » Umuyobozi w’ikizo API yavuze kandi ko hari ivyo bategekanye gukora muri kazoza mu bijanye no kworohereza abanyamitahe, babicishije mu kurwiza amahayanishwa.