Cibitoke : Abantu bane bafashwe inyuma y’urupfu rw’uwo bari kumwe 

Abantu bane nibo bamaze gufatwa mu matohoza y’umuntu yishwe mw’ijoro ryo kuri uwu wa mbere mu komine Murwi, mu ntara ya Cibitoke.
Uwo yishwe azwi kw’izina rya Vianney NIGANZE, ikiziga ciwe kikaba catowe mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri. Nk’uko ababonye ico kiziga babimenyesha, uwo munti vyaboneka ko yishwe anizwe, ategerewe n’abantu bataramenyekana, mu gihe yari avuye mu bunywero buri ku musozi Butega.

Abo bafashwe ni abantu bari kumwe mu bunywero n’uwo muntu yishwe.