Intsinga zirenga imetero ibihumbi 8 zari zibwe mw’ishirahamze Regideso nizo zafashwe kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 24 Mukakaro 2017 mw’isoko yo mu Ruvumera no mw’isoko yo mu Kamenge.
Umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi Pierre Nkurukiye amenyesha ko izo ntsinga bazifatanye abantu 8 bariko barazidandaza mu masoko yo mu Kamenge n’iyo mu Ruvumera, ubu bakaba bariko barabazwa uko bazironse n’uko bazidandaza kandi zisanzwe ari iz’ishirahamwe Regideso.
Nkurikiye Pierre avugira igiporisi avuga ko izo ntsinga ari inyungu rusangi, kuko arizo zikoreshwa n’ishirahamwe Regideso mu gutanga amazi n’amatara ku banyagihugu.
Uwo avugira igiporisi atera akamo abantu bose ko boza barafasha kugira intsinga nk’izo zibwe ntizigende amazimayongo, uwariwe wese abe inderetsi araho azibonye ace abimenyesha abajejwe umutekano.
Mwomenya ko mu giporisi baheruka gufata mu ntara ya Bubanza kw’igenekerezo rya 11 Mukakaro 2017, intsinga nk’izo za Regideso. No mu ntara ya Muramvya hakaba haheruka gufatirwa ibikoresho vyakoreshwa mu kwubaka urugomero rwa Bubanza.