Umukuru w’igihugu yagenye umuserukizi adasanzwe w’Uburundi 

Inyuma y’abaheruka kugenwa ngo babe abaserukizi badasanzwe b’Uburundi, Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yagenye uwundi muserukizi adasanzwe w’Uburundi.
Uwo yagenywe ni Stella BUDIRIGANYA yahora avugira inama nkenguzamataka yagenywe kuba umuserukizi adasanzwe w’Uburundi kw’itegeko no 100/144 ryo kuwa 21 Mukakaro 2017.

Uwundi yagenywe ni Stanislas NDEREYIMANA,yagenywe mu kibanza c’umuhanuzi mu biro vy’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu bijejwe intwaro n’imigenderanire,kw’itegeko no 100/142 ryo kuwa 21 mukakaro 2017.

Stanislas NDEREYIMANA yasubiriye Apollinaire NDEREYIMANA.