UMUTUMIRO W’AMASENGESHO YO GUSENGERA ABARUNDI BOSE N’UBURUNDI BUSHASHA BW’ISEZERANO YO KUWA (Gatatu-Gatandatu) 26/07/ NA 29/07/2017.I. URUFATIRO: « KUGIRA AKARANGA KEREKANA KOKO KO WAMENYE IMANA » Aho dushimikira :ABAROMA 12:9- 21
II. ICO MPWEMU YERA YAHISHUYE KANDI YASAVYE ABARI MWIHANGA RYOSE RY’IMANA BOSENGERA
1.Ukuri: abantu benshi bagendera kubinyoma ntibavugane ukuri.
2.Urukundo:abantu barataye akaranga n’umuco w’urukundo hagati mubanye hanga, mu barongozi n’urukundo rw’ibikorwa.
3. Imbabazi: abantu bashegeshwe n’ububeshwe n’ububeshi, ubuhemu bituma batakigira imbabazi.
4. kuba mukibanza Imana igushakamwo: abantu barivanze, bata amazamu yabo abandi barajuragirika ntibaba aho Imana ibashaka
III. IVYO GUSHIKIRIZA UBURONGOZI
1.Ivyo mpwemu w’Imana azoba yahishuye mumasengesho.
2.Abo mwashoboye kugendera n’agashishiro mwabashiriye.N’abarindiriye Isezerano mwigishije bashasha.
Muakoze!
Ni dusangwe Imana-Uburundi-Isezerano.
Bigiriwe i Bujumbura ku wa 25/07/2017
abisezerano @gmail.com