Inama nkenguzamateka y’Uburundi yemeje kuri uwu wa gatatu integuro y’itegeko rivuga ibijanye n’amasezerano y’ugufashanya hagati y’Uburundi hamwe n’ishirahamwe mpuzamakungu IDA rijejwe iterambere.
Iyo nteguro y’itegeko yemejwe ivuga amasezerano y’imfashanyo igera ku mafaranga imiriyoni 75 z’amadorare y’abanyamerika azofasha mu burimyi bw’umuceri n’ibigori bwo mu Kiyaya c’Imbo.
Abakenguzamateka bemeje ijana kw’ijana iyo nteguro y’iryo tegeko.