Abasirikare babiri bava mu gihugu ca Maroke bari mu bikorwa vyo kugarukana amahoro mu gihugu ca Centrafrika baritavye Imana baguye mu mutego w’abarwanyi bavuga ko barwanira abakristo I Bangassou,mu Bumanuko bushira Ubuseruko.
Amakuru dukesha iradiyo y’abafaransa RFI,ico gitero cabaye kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 25 Mukakaro 2017,igihe abasirikare bava mu gihugu ca Maroke bariko barondera amazi bakoresha.
Kuva kw’igenekerezo rya 21 Mukakaro 2017, agace ka Bangassou kugarijwe n’ingwano kuva mu kwezi gatanu.
Umukuru wa MINUSCA Parfait Onanga Anyanga yavuze ko yiyamirije ubwo bwicanyi businzikaza agateka ku buzima bwa kiremwamuntu, bugahonyanga kandi uburenganzira mpuzamakungu.
Kw’Imana igenekerezo rya 23 Mukakaro 2017, uwundi musirikare ava mu gihugu ca Maroc yaritavye Imana ahitanywe n’igitero c’abarwanya b’aba anti-Balaka.