Umunywamazi, Arc en ciel, Rainbow usigura iki kuri wewe? Muri Bibiliya hoho? Ivyo ni bimwe muvyo ihanga ry’abarundi rikwiriye kumenya.

UMUNYWAMAZI USIGURA IKI MURI BIBILIYA YERA, IMANA I MWAKIRE MU BWAMI BWAYO U WARIWE WESE APFUYE VY’ A KIRWA GUTE IMBERE Z’ UHORAHO, BALAMU NI NDOGOBA N’ AB’ ISIRAYELI BA KABIRI BIHURIYE HE : Anselme, Nyawita, YaragwiraUko kw’ Ijuru tubona umunywamazi wambitswe amabara meza, kiba ari icibutso k’ Umana yuko yi butse isezerano ya sezeraniye Nowa kutazongera guhana isi namazi, iyo u bonetse umunywamazi kuri benshi badatahura insiguro yawo, nuko Imana yarahiye yuko itazongera guhana isi ikoresheje amazi kandi, Isi yubu i bikiwe u muriro utazima abanyavyaha bazosangira na satani be nabamarayika biwe: Uwu bahenda ngo ariko abigisha ivyo kugira imigisha, kuronka amahera, kubizeza yuko Ijuru muzorijamwo, akibagira ku bigisha kureka icaha arico ca kuye nyeneco satani mwijuru agakororwa, maze arico catumye Yesu kristo atubambirwa, abazoja mw’Ijuru ari abihanye ivyaha, uyo azoba ari antikristo atemera ivyo bibiliya yera ivuga kubera azoba afise ico abineguramwo, nubwo azoba akoresha bibiliya yera, muze mumwigirwe kure kuko azoba ari umukozi wa satani.

Ijambo Imana yakire umuntu mu bwami bwayo u kw’ aba apfuye kose, ya kirwe mu bwami bwayo; iryo jambo umuntu wese arikoresha ku wupfuye wese , atazi neza yuko arangije neza akabana icemezo cuko uyo muntu yihanye ivyaha yakora vyose, akamenya neza u buzima ya bayemwo kugeza kurupfu rwiwe ko bwari u buhimbara Imana, maze u kamusabira Kumana ngo i mwakire mu Bwami bwayo, uzobihanirwa, kuko hari inzira zibiri, Ijuru Umuriro utazima, utazi umuntu u kurangiza kwiwe u ruhande yapfiriyemwo ijambo ryo gukoresha n’ i ryavuzwe na Yobu mu bigeragezo vyiwe agira artya: Imana yaragavye, none iragabuye Izina ry’Imana rishimwe, wewe urinde ufise uruhusha rwo kujana u muntu ahutazi ya koreye, utinya u buryo aba ya pfiriyemwo?: Nimba yakerewe izosi ico ni ikibiri bishe si Ikibitsanyo c’Uhoraho bishe, Nimba bavunaguye ingingo zimwezimwe ukwazo ico ni ikibiri bishe si Ikibitsanyo c’Uhoraho bishe, Nimba ya gize isanganya agahonyangwa agasigara ashisha kurabisha ijisho, ico ni ikibiri cishwe si Ikibitsanyo c’ Uhoraho bishe; Urinde wewe wigira uzi Ijuru abarijamwo abaribo uwariwe wese ari kwakirwa mu bwami bwo Mwijuru, nimba utazi amajambo yivya Mpwemu insiguro yayo bikubere vyiza uceceke canke usiguze : Ntabwo abagiye gupfa muri nya ntambara ari abanyeporitike, abakorana ni kuzimu, abica abantu bonyene, eka utwo twaha abantu barengako nitwo tugiye guhitana na babonekana yuko bahagaze mukuri kw’Imana.

Balamu ni ndogoba n’ abisirayeli bakabiri, {Guharura 22: 21-35} Uyu mugabo Balamu yariye ingemu kwa Balaki, kuko uwo yavuma koko vyaramufata, ashaka aje ku muvumira u bwoko bw’Imana abisirayeli, niko arikora atandika indogoba afata inzira, Imana uburake bwayo bumuziriringako kukw’ agiye; Umumarayika w’Imana aratumwa nayo, aramanuka ahagarara munzira amutangire, Indogaba yo yaramubonye umumarayika w’Imana yarungitswe gutangira Balamu ntakomeze kuja kuvuma abatavumika abisirayeli, ariko Balamu we ntiyamubonye, umumarayika ahagarara munzira asokoye inkota, indogoba imubonye irakebereza mu vyatsi , Balamu ayikubita inkoni kugira ayisubize mu nzira, irya kabiri umumarayika agenda guhagarara mu murombero wo mu mirima y’imizabibu, indogoba ibona kandi u bugira kabiri wa mumarayika, indogoba yiyagiriza ku murombero, Balamu u bwakabiri ayikubita inkoni, U bwa gatatu wa mumarayika ahagarara mu mbombane hatagira akanya ko gukebereza i buryo cank’ i bumoso: ica iryama Balamu akiri kuriyo, Balamu arashavura cane, ayikubita inkoni u bwa gatatu; Imana ica yugurura akanwa ka nya ndogoba, iramubaza Balamu iti: Umpoy’ iki kunkubita ibihetangabo gatatu kose? Balamu ayishura ati : N’ uk’ urik ‘uramfyinako, iyo mba mfise inkota mu ntoke nari kuba nkwishe aka kanya! Iramubaza iti : Sind’ indogoba yawe, wama ugenderako gushitsa uyu musi ? Har’ aho nigeze kukugirira nk’ibi? arasubiza at’ Oya, Imana ihumura amaso ya Balamu, abona wa mumarayika, abazwa igitumye akubita indogoba ibihetangabo gatatu kose, kuko umumarayika yari azanywe no kumutangira kubera Balamu yari ahurudukiye mu binyuranye nivyo Uhoraho agomba; Indogoba yo yamubonye ikebereza { ihunga} ibihetangabo gatatu imbere ya nya mumarayika, iyidakebereza { idahunga} umumarayika w’Uhoraho yari guca yica nyeneyo ariwe Balamu ariko indogoba yo igasigara. : Balamu yishuye umumarayika w’Uhoraho artya: ati Nkoze icaha, { kwihana} kuko ntamenye kw’ ari wewe uhagaze mu nzira ng’ untangire; none rero, asangwa { nimba} bikubabaje { Ahaye arihana} reka nsubire inyuma. { Balamu amaze kwihana} umumarayika w’Uhoraho ya mubwiye artya: Pfa kugenda ariko ico azobwirwa aze agikore; Balamu na bamenyekana ba Balaki barakomeza. : <<< Balamu umuntu, we yashize imbere ukumvira kw’ ivyo ya tumwe na se buja wiwe Balaki, k’ u bw’ ingemu ya hawe kugira aje ku muvumira abisirayeli, yitayeho umurimo yahawe, bituma adashobora gutahura no kutabona u waratumwe kumutangira, ananirwa no kwibaza impamvu i gikoko citwa indogoba kubona caragavye kitahora kimugabira, we abura no kwibaza impamvu kinavuga ijwi ry’umuntu nkawe, kubera yari atwawe nigikorwa yari ya sabwe nu muntu nkawe Balaki, bituma abona ko kuyikubita ariko kuyitera kubandanya, ayikubita incuro zitatu zose ariko iranka kubandanya maze iriryamira ayiriko, niko nayo irinamura imubaza impamvu ayikubita incuro zitatu zose: indogoba yo yibaza ko nyeneyo Balamu yariko abona ivyo yo yariko ibona, ariko vyayitangaje kubona ihaye irakubitwa, kubera ihaye iramufyinatako; Abantu mwizera isezerano mugereranywa niyo ndogoba; mwe mwabihishuriwe kare, mwabitahujwe kare, mwavyeretswe kare, mwabibonye kare, muravyizera, murabirindira, mukomeza mubirindira, ariko murafise na bugingo n’uy’umusi ba Balamu; bo bakora ivyo satani abategetse abandi bagakora ivyo abategetsi babatumye, abarongozi bamashengero ivyo bababwiye bo u bwabo batabanje kwiyumvira, kwibaza no gusiguza kuvyo baba bumvise, nibo babo bariko batangwako akarorero ka Balamu we yahise ayikubita ngo iriko iramufyinatisha kandi iyakabana inkota hafi yiwe yari kuyica; bariko babaca mumashengero, barabahiga ngo babagirire nabi, muriko muburabuza abantu benshi kubera isirayeli ya kabiri ataho yanditse muri bibiliya yera : ariko nkuko indogoba itatinye gukubitwa kandi itaretse gukebereza ibonye umumarayika w’Uhoraho, namwe niko muri ntimutinye, kandi nabo kubera amaso yabo ariko uruhuni ntiboreka gukora ivyo bahaye babakorera, abakubitwa, abapfungwa, abacibwa mumashengero, abirukanwa mu mihira yabo, abaruhijwe ni bikorerwa mu burundi, mumenye yuko arigihe co gutabwa kije, kuko abo bameze nka Balamu, bagiye kubona uwo mwatinye gukora nkivyo bo bahaye babakorera, uwo mwabonye yabemeje yuko ivyo mwizeye ari ukuri, niyo bamubona bazokwicuza kuko Balamu we yarihanye, ariko bo uyu mwanya bawufata kwari uwo gusuzugura no kwemeza yuko ivyahanuwe arububeshi, ariko Balamu yihanye neza avuga ati : Nkoze icaha, kuko si namenye yuko ari wewe uhagaze mu nzira ng’ untangire; abandi bo bemeza ko bari mukuri kubera batarahumurwa amaso n’ u mumarayika abanguye inkota wo gushitsa isezerano, maze ibisagara, igihugu kigahinduka amatongo imisaka, niho abazosigara bazohumurwa amaso yabo, bihane nkuko Balamu yihanye abo aribo bazoca basabwa gukomeza ariko bakazogendera kuri ico cose kizoba kivuye k’Uhoraho.:>>>.

Murakoze.