Umushikiranganji w’amagara y’abantu no kurwanya SIDA Josiane NIJIMBERE amenyesha ko mu ntumbero yo guhagarika ko abaganga babinonosoye baheba akazi ka Reta bakaja gukorera abigenga, kuva mu mwaka wa 2018 Reta igiye kuduza umushahara wabo.Yishura ibibazo vy’abashingamateka kuwa gatatu igenekerezo rya 26 Mukakaroo 2017 mu ngoro y’amakoraniro mu Kigobe, Muganga Josiane NIJIMBERE aramutswa ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya SIDA yavuze ko atari agaseseshwa rumuri hari abaganga b’abahinga baheba akazi mu gisata ca Reta kugira baje gukorera mu gisata c’abigenga.
Josiane NIJIMBERE yavuze ko biboneka neza ko imvo ituma abaganga banonosoye kuvura indwara zimwe zimwe, ari umushahara muto baronka mu kazi ka Reta, ari naco gituma uwo mushahara ugiye kuduzwa.
JPEG – 104.3 ko
Josiane NIJIMBERE, Umushikiranganji w’amagara y’abantu no kurwanya SIDA
Mu gisata co kurwanya umugera wa Sida, umushikiranganji Josiane NIJIMBERE yavuze ko ibiharuro bihari vyerekanye ko abantu bipimisha umugera wa SIDA kandi bafata imiti ipfupfahaza bageze ku rugero rushimishije, bikazotuma umugambi Reta yihaye ko gushika mu mwaka wa 2030 ata muntu azokwandura iyo ndwara bawushikako.
Umushikiranganji w’amagara y’abantu no kurwanya SIDA Josiane NIJIMBERE, yamenyesheje ko abantu 80.255 aribo bipimishije umugera wa Sida, muri bo abashika 51.917 bakaba bafata imiti ipfupfahaza.
Umushikiranganji w’amagara y’abantu Josiane NIJIMBERE yateye akamo abarundi bose kwipimisha umugera wa Sida kugira bamenye amagara yabo, na cane cane urwaruka n’abakenyezi bibungenze.