Mu biro vy’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA bavuga ko mu vyashikirijwe na Michel KAFANDO intumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU harimwo ibitari bike bimeze neza, n’ibindi bishobora kuba birimwo utunenge. Tumwe muri utwo tunenge, nk’uko bivugwa n’ibiro vy’umukuru w’igihugu, ni ibiganiro vyohuza Reta y’Uburundi n’abanyeporitike baronderwa n’ubutungane.Mu biro vy’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA bamenyesha ko Reta y’Uburundi itazokwemera kuganira n’abaronderwa n’ubutungane.
« Ico ni ikintu kizwi neza ko bidashoboka. Ahubwo ibihugu vyabahaye indaro, yaba Urwanda, yaba Ububirigi, canke Ubufaransa, n’ahandi hose bari, nibabafate babashikirize ubutungane. ubutungane nibwabeza, ico gihe bazobandanya poritike ukuri kwamye. »
Alain Diomède NZEYIMANA, icegera c’umuvugizi w’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA
Alain Diomède NZEYIMANA, icegera c’umuvugizi w’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA amenyesha ko benshi muri abo banyeporitike bahungiye hanze y’Uburundi ari abakurikiranwa n’ubutungane kubera ubwicanyi bagirizwa ko bakoze mu Burundi
Mu mugambwe UPRONA baremera ibiganiro vyohuza Reta y’Uburundi hamwe n’abanyeporitike bahunze, ariko badakurikiranwa n’ubutungane. Abel GASHATSI, umukuru w’umugambwe UPRONA asaba ko hokwubahirizwa amategeko.
« Nk’umugambwe ushira imbere iyubahirizwa ry’amategeko, twebwe twumva ko abaronderwa n’ubutungane bobanza bakishura ivyaha bagirizwa, hama kumbure abera bakera, abakoze ivyaha babibazwe. N’ayo ahandi kwoba ari ugusasira indava ikibi. »