RDC : Umukuru w’umurwi w’aba Mai-Mai Sheka yishikanye 

Nkuko twabibabwiye mumakuru yacu yejo, Ntabo Ntaberi Sheka arongoye umurwi urwanira mu buseruko bwa Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo Mai-Mai Sheka yishikanye ku cicaro c’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU.
Igisata c’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU muri Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo, camenyesheje ko, Ntabo Ntaberi Sheka, yishikanye hafi y’ibirindiro vyiwe biri mu Buseruko bw’igihugu.

Mu gihe hari haheze imyaka itandatu hasohotse umutahe mpuzamakungu wo kumuhagarika wasohowe na Reta ya Kongo,bitegekanijwe ko Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU rica rimushikiriza ubutegetsi bwa Kongo.

Amakuru dukesha Iradiyo y’abongereza BBC amenyesha ko,Reta ya Republika iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo yagiriza Ntabo Ntaberi Sheka ivyaha vyo mu ntambara hamwe n’ivyaha bisinzikaza agateka ka zina muntu.

Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU n’ayandi mashirahamwe aharanira agateka ka zinamuntu yagirije umurwi Mai-Mai Sheka gufata ku nguvu abakenyezi hamwe no gutema abanyagihugu gushika bitavye Imana.