Amerika : John Kelly yatowe kuba umukuru w’ibiro White House 

Umukuru w’igihugu wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump yatoye uwari umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu John Kelly ngo abe umuyobozi mukuru w’ibiro vy’umukuru w’igihugu white House.
Kuri uyu wa gatanu niho umukuru w’igihugu Donald Trump yamenyesheje abicishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter ko yakuye Reince Priebus mu mabanga yo kuba umuyobozi mukuru wa White House ariko Priebus ku musi wa kane akaba yari yashikirije ko atanze imihoho muri ayo mabanga kuko babivuganye n’umukuru w’igihugu.

Reince Priebus yabanje kuba umukuru w’inama nkuru y’umugambwe w’abarepuburike (RNC:Republic National Committee) imbere yuko aba umukuru w’ibiro White House, akaba yagirijwe ko ariwe yatanga amakuru avuye mu biro vy’umukuru w’igihugu ayaha abamenyeshamakuru.

Mu butumwa yacishije kuri Twitter Donald Trump umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika yashimiye Priebus ku bikorwa yakoze .