Inama igira iya 19 y’ishirahamwe COMESA (Common Market for Eastern and Southern Africa) yari itegekanijwe kubera mu Burundi mu kwezi kwa Gitugutu 2017 ntikibereye muri ico gihugu. Umunyamabanga mukuru wa COMESA avuga ko ibikenewe vyose kugira Uburundi bwakire iyo nama bidakwiye.
Mu nama yari yitavye mu 2015 y’ishirahamwe COMESA, Gaston SINDIMWO icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu c’Uburundi yari yasavye ko inama igira iya 19 y’iryo shirahamwe yobera mu Burundi. Abagize iryo shirahamwe baremeye ico cipfuzo, n’umunyamabanga w’iryo shirahamwe arishikira mu Burundi kubwira umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA ko ico cipfuzo c’Uburundi cemejwe.
Kw’igenekerezo rya 7 Mukakaro 2017, Sindiso Ngwenya yaragarutse kandi mu Burundi, ari kumwe na Pelate NIYONKURU, atera umukono ku masezerano yemerera Uburundi kwakira inama igira 19 ya COMESA yobaye kuva kw’igenekerezo rya 10 gushika kurya 19 Gitugutu 2017.
Mw’ikete yandikiye umushikiranganji w’Uburundi ajejwe ubudandaji kw’igenekerezo rya 20 Mukakaro 2017, Sindiso Ngwenya, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe COMESA yamumenyesheje ko iyo nama itazobera mu Burundi nk’uko vyari vyemejwe, kubera ibikenewe vyose bidakwiye kugira Uburundi bwakire abakuru b’ibihugu bigize iryo shirahamwe, abatambukanyi babo hamwe n’abashikiranganji b’imigenderanire n’ab’ubudandaji b’ivyo bihugu vyose uko ari 20. Muvyo Uburundi budafise, umunyamabanga mukuru wa COMESA avuga nk’amahoteri adakwiye y’ukwakira abo bakuru b’ibihugu, umutekano, amazu (Salles) yokwakira abo bategetsi, urugero (Débit) rwa « Internet » ikenewe muri ayo manama rudakwiye, hamwe imiduga y’ukwunguruza abo bategetsi idakwiye.
Ubushikiranganji bw’Uburundi bujejwe ubudandaji bwari bwamenyesheje ko iyo nama ari ngirakamaro ku gihugu c’Uburundi n’abarundi bose muri rusangi, kuko Uburundi buzohungukira amafaranga
Muri iryo kete, umunyamabanga mukuru wa COMESA yamenyesheje ko iyo nama izoca ibera ku cicaro c’iryo shirahamwe i Lusaka muri Zambiya, kw’igenekerezo rizomenyeshwa hanyuma.
Mu vyari bitegekanijwe kuba muri iyo nama ya COMESA i Bujumbura, harimwo inama ihuza abashikiranganji b’ubudandaji bava mu bihugu bigize ishirahamwe COMESA, inama ihuza abarwizatunga bava mu bihugu vya COMESA, inama ihuza abashikiranganji b’imigenderanire b’ibihugu vya COMESA, inama ihuza abatambukanyi b’abakuru b’ibihugu vya COMESA, hamwe n’inama ihuza abakuru b’ibihugu bigize ishirahamwe COMESA.
Muri iyo nama kandi, kari n’akaryo ko kwemerera ibihugu vya Somaliya na Tuniziya kwinjira mw’ishirahamwe ry’isoko rusangi rihuza ibihugu vyo mu karere k’ubuseruko n’ako ubumanuko ku mugabane wa Afrika.
Ishirahamwe COMESA rigizwe n’ibihugu 20 arivyo : Burundi, Les Comores, République démocratique du Congo, Djibouti, Égypte, Érythrée, Éthiopie, Kenya, Libye, Madagascar, Malawi, Île Maurice, Rwanda, Seychelles, Soudan, Soudan du Sud, Swaziland, Ouganda, Zambie na Zimbabwe.