Amasasu yumvikanye mwishamba cimeza rya Rukoko.

Amasasu yumvikanye mu gatondo ko kuri uwu wa mbere, mw’ishamba cimeza rya Rukoko yateye ubwoba abanyagihugu begereye iryo shamba, bakaba bari biketse ko ari imirwi ihungabanya umutekano yinjiye mu Burundi. Mu gisikare c’Uburundi bamenyesha ko ayo masasu yumvikaniye ku ruhande rwa Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo.Colonel Gaspard BARATUZA, umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi amenyesha ko ayo masasu yumvikanye ari ayarashwe n’abasirikare ba Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo bariko barasana n’imirwi ihungabanya umutekano ku butaka bw’ico gihugu, hafi y’Uburundi.Mu makuru y’umutekano, umugabo w’myaka 40 azwi kw’izina rya Zebulon NDUWIMANA yahora aba muri zone Muhanga, umusozi Rushubi yishwe n’abantu bitwaje ibirwanisho bataramenyekana.

Abishe uwo mugabo ntibaramenyekana, mu giporisi bakamenyesha ko amatohoza yamaze gutangura.

Gerenade zibiri zatowe

Umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi amenyesha kandi ko mu ntara ya Kirundo, muri komine Bugabira, hari gerenade zibiri zatowe kuri uwu w’Imana mu kazi ka surwumwe kahebwe k’uwitwa Irutingabo Etienne yahungiye mu Rwanda kuva mu mwaka w’2015. Izo gerenade zabonwe ubwa mbere n’umuntu yariko arondera umwavu ahahora ako kazu ka surwumwe.

Mu makuru y’umutekano, umugabo w’myaka 40 azwi kw’izina rya Zebulon NDUWIMANA yahora aba muri zone Muhanga, umusozi Rushubi yishwe n’abantu bitwaje ibirwanisho bataramenyekana.