Ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu bwatunganije kuva kuwa kabiri igenekerezo rya 1 Myandagaro 2017,isaha zibiri z’igitondo, indwi yahariwe Abarundi baba mu mahanga. Ibikorwa bitandukanye vyateguwe muri iyo ndwi, kugira Abarundi baba hanze bashobore kumenyekanisha ibikorwa bitandukanye barangurira mu Burundi.
Japhet Legentil NDAYISHIMIYE aserukira Abarundi bitavye ibikorwa vy’iyo ndwi avuga ko ibiganiro vyateguwe bivugwamwo ibijanye n’iterambere rizanwa mu Burundi n’Abarundi baba mu mahanga.
« Bazokwerekana ibintu bitandukanye mu bikorwa bitandukanye barangurira mu Burundi, ibikorwa vya kijambere, ubworozi, abazana amazi meza, n’ibindi. »
Japhet Legentil NDAYISHIMIYE, aserukira Abarundi baba mu mahanga
Nk’uko bishikirizwa na Japhet Legentil NDAYISHIMIYE, abatumiwe muri iyo ndwi ni Abarundi bose baba hanze y’igihugu cabo.
Ibirori vy’ukwugurura iyo ndwi yahariwe Abarundi baba mu mahanga biba ku muhingamo wo kuri uwu wa mbere, mu Kigobe, kw’ishure rya Centre de Formation Professionnelle.
Abarundi baba mu mahanga bitavye iyo ndwi basaba Reta y’Uburundi ko yoshiraho itegeko rishigikira ibikorwa Abarundi baba mu mahanga barangura mu Burundi.
Japhet Legentil NDAYISHIMIYE agira ati : « Tubandanije dukora tutagira ivyo twisunga, ni nk’uko umuntu yoba ariko aragenda mu bugararwa. Dusaba ko Reta hamwe n’ubushikiranganji dukukira bobandanya bakora kugira iryo tegeko ryemezwe n’inama nshingamateka. »