Rohero: umuntu umwe yakomeretse mwisanganya ry’umuduga.

Umuntu umwe yakomeretse mw’isanganya ry’imodoka ryabaye mu gatondo ko kuri uno wa mbere igenekerezo rya 31 Mukakaro 2017 kw’ibarabara ryitiriwe igihugu ca Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo.
Uwutwara imodoka yunguruza abantu ‘’Taxi’’ yagonzwe, yatumenyesheje ko hari nk’igihe c’isaha icumi n’imwe n’igice zo mu gatondo, aho abantu bamuhagarika kugira abunguruze, hafi y’ishuri Ecole Independante imbere y’urusengero rw’aba orthodoxes, agihagaze aca agongwa n’imodoka yo mu bwoko bwa Jeep, mu gihe yari ihejeje gutembagara.

Uwo atwara imodoka yunguruza abantu yavuze ko mu gihe yari arindiriye umwe mubo yategerezwa kwunguruza, haje imodoka yo mu bwoko bwa jeep Prado, abona iratembagaye ica iseka imodoka yiwe iyisanze aho ihagaze.

Yatumenyesheje ko naho imodoka yatembagaye gushika aho amapine aja hejuru, ata muntu yitavye Imana, ariko ko umwe mu bari muri iyo jeep yatembagaye yakomeretse, aca ajanwa mu bitaro.

Uwo atwara imodoka yunguruza abantu yavuze ko aravye uko iryo sanganya ryabaye, bigoye gusigura icatumye riba, akavuga ko ari isanganya nk’ayandi yose kuko imodoka itariko igenda mu muvuduko munini.