Abantu babiri nibo bitavye Imana kuri uno wa mbere igenekerezo rya 31 Mukakaro 2017 ku mutumba Buga,zone Maramvya,Komine Makebuko, mu ntara ya Gitega, baguweko n’umusozi.
Amakuru ava ku mutumba Buga, amenyesha ko NISHURUBUSA Gervais w’imyaka 60 hamwe n’umwana wiwe yari azwi kw’izina rya Richard w’imyaka 10 bitavye Imana nk’isaha zine kuri uno wa mbere igenekerezo rya 31 Mukakaro 2017.
Ayo makuru nyene amenyesha ko uko ari babiri bitavye Imana,inyuma yaho umusozi uhenukiye ukabagwako, mu gihe bariko barondera umusenyi.
Amakuru ava mu bajejwe umutekano muri zone Maramvya,amenyesha ko bashitse ahabereye iryo sanganya,imbere yuko bashingurwa.