Haranugwanugwa umwumvikano utegura ibiganiro hagati ya Leta y’uburundi na CNARED mugabo Leta irabihakana.

Intumwa za Reta y’Uburundi zirongowe na Edouard NDUWIMANA umuhuza w’Abarundi zatanguye kuva kuri uwu wa mbere imibonano n’abaserukira urunani CNARED ruhurikiyemwo abanyeporitike batavuga rumwe n’ubutegetsi bahunze Uburundi.
Iyo mibonano yo mw’ibanga iriko ibera mu gisagara ca Helsinki, mu gihugu ca Finlande, ikaba ihagarariwe n’ishirahamwe mpuzamakungu CMI (Crisis Management Initiative) rijejwe guhuza impande zishamiranye.

Reta y’Uburundi yaserukiwe na Eduoard NDUWIMANA arongoye izo ntumwa, Evariste NDAYISHIMIYE umunyamabanga mukuru wa CNDD FDD, hamwe na Zénon NDARUVUKANYE ajejwe ubutunzi mu mugambwe CNDD FDD.

Ku ruhande rwa CNARED, abaserukiye urwo runani ni Karori NDITIJE umukuru wa CNARED, Frédérique BAMVUGINYUMVIRA umukuru w’umugambwe SAHWANYA FRODEBU, Chauvineau MUGWENGEZO wo mu mugambwe UPD ZIGAMIBANGA, Onésime NDUWIMANA yahoze ari umuvugizi wa CNDD FDD, hamwe na Yohani MINANI yarongoye ubwa mbere urunani CNARED.

Amakuru duhabwa na bamwe mu bagize CNARED avuga ko iyo mibonano ya Reta y’Uburundi ari iyo kuronderera hamwe umwumvikano woshikirizwa umuhuza Benjamin MKAPA, mu biganiro bihuza Abarundi bitegekanijwe muri uku kwezi kw’umunani mu gihugu ca Tanzaniya.

Igisagara ca Helsinki, mu gihugu ca Finlande, ahahuriye intumwa za Reta y’Uburundi hamwe n’abaserukiye urunani CNAREDNta ndwi yari iheze mu biro vy’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA bamenyesheje ko Reta y’Uburundi itazokwemera kuganira n’abaronderwa n’ubutungane.

Alain Diomède NZEYIMANA, icegera c’umuvugizi w’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yabwiye ikinyamakuru IGIHE ati : « Ico ni ikintu kizwi neza ko bidashoboka. Ahubwo ibihugu vyabahaye indaro, yaba Urwanda, yaba Ububirigi, canke Ubufaransa, n’ahandi hose bari, nibabafate babashikirize ubutungane. ubutungane nibwabeza, ico gihe bazobandanya poritike ukuri kwamye. »

Michel KAFANDO, intumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi, mu cegeranyo aheruka gushikiriza inama y’umutekano ya ONU, yamenyesheje ko amasezerano y’i Arusha ategerezwa kwubahirizwa, Reta nayo ikemera ibiganiro atawe bikumira, kugira Uburundi buve mu ntureka za poritike burimwo.

Muri ico cegeranyo yashikirije, Michel KAFANDO yatanze intumbero y’ivyokorwa kugira Uburundi buve mu ntureka za poritike burimwo. Ica mbere, nk’uko biri muri ico cegeranyo, akaba ari ibiganiro bidakumira vyohabwa ikibanza gikomeye, kuko ku bwiwe arivyo vyonyene bishobora gutora inyishu y’ibibazo bihari.

Michel KAFANDO avuga ko ari ngombwa ko ibihugu vyo muri aka karere, bifashijwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, vyogondoza Reta y’Uburundi ikemera kuja mu biganiro n’abatavuga rumwe nayo bahungiye hanze y’Uburundi hamwe n’abakiri mu Burundi.

Aho Michel KAFANDO yagize ati : « Ku ciyumviro canje, aho honyene niho tuzoshobora gukomeza umwumvikano hagati y’Abarundi, hamwe n’ukwemeza ko inzego zitwara Uburundi zizewe, zitekanye kandi zashizweho n’abanyagihugu. »

Michel KAFANDO, intumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi Imbere y’abagize inama y’umutekano ya ONU, Michel KAFANDO yamenyesheje ko amasezerano y’i Arusha ategerezwa kwama ari icitegererezo, hamwe n’ibuye ry’umushinge.