Umuvugizi w’igiporisi Pierre NKURIKIYE amenyesha ko ivyo umukuru w’umugambwe FNL Jacques BIGIRIMANA aheruka kumenyesha ko umushingamateka Agathon RWASA ariko arategura intambara, vyobazwa Jacques BIGIRIMANA ubwiwe.
Pierre NKURUKIYE avugira igiporisi amenyesha ko ibivugwa n’abanyeporitike vyobazwa abanyeporitike ubwabo kuko igiporisi ari urwego rw’ubuhinga rujejwe gukora amatohoza ku vyaha biba bishaka gukorwa canke vyarakozwe, hama amatohoza aheze bikarungikirwa ubutungane.
Pierre NKURIKIYE avuga ko iyo abanyeporitike bariko barakina umukino wabo wa poritike, atari igikorwa c’igiporisi, kuko igiporisi atari umugambwe.
Pierre NKURIKIYE yavuze ati : “ Ivyo tutababwiye biba vyavuzwe n’abanyeporitike vyobazwa bo.”
Umuvugizi w’igiporisi Pierre NKURIKIYE yavuze ko ivyo igiporisi kitamenyesheje bitaba bikenewe canke biba bitabayeho.
Mwomenya ko Jacques BIGIRIMANA yaheruka gusohora urwandiko mu ndwi iheze ruvuga ko iyo RWASA Agathon avuze ko umutekano wiwe ugeramiwe, aba ariko arategura ubwicanyi aho mu misi mike ashikirije ko umutekano wiwe ubangamiwe uca wumva imitego hirya no hino yatezwe mw’ibarabara ahandi naho ukumva abantu bishwe.
Jacques BIGIRIMANA yaciye asaba inama nshingamateka, ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu hamwe n’ubushikiranganji bw’ubutungane ko bwofata ingingo zikenewe mu maguru masha, kuri ivyo vyagirijwe RWASA Agathon.