Chris Msando yatowe mu mpera z’indwi iheze yapfuye, yari yaramenyesheje ko ubuzima bwiwe bubangamiwe
Leta Zunze Ubumwe za Amerika (US) hamwe n’Ubwongereza (UK) bemeye gufasha mw’itohoza ryo kumenya abishe uwarajejwe igisata c’itumanako mu kanama kajejwe amatora muri Kenya, niko ikinyamakuru co muri Kenya camenyesheje.
Inkuru y’urupfu rwa Chris Msando niyo ivugwa cane
Ikinyamakuru Daily Nation kivuga ko uwuserukira Amerika Robert Godec hamwe n’uwuserukira Ubwongereza, Nic Hailey, biyamirije ubwicanyi bwahitanye Chris Msando, bavuga ko bokwakirana yompi akamo boba batewe n’ubutegetsi bwa Kenya kobasaba kugira ico boterera mw’itohoza kuri ubwo bwicanyi, bavuga bati: « Twaremeye ko dushobora gufasha mw’itohoza. »
Bwana Msando niwe yari ajejwe itumanako, ku buryo bwa mudasobwa, mu matora yo ku munsi wa kabiri uza, ubuhinga bwogabanije ubusuma mu matora.
Yatowe yapfuye mu mpera z’indwi iheze. Ku bw’uwurongoye akanama k’amatora, Wafula Chebukati, « ngo nta nkeka ko uwo muntu yahohotewe munyuma akicwa ».