Gambiya : Ishirahamwe ry’AbashinwaGolden Lead ryitwariwe 

Abajejwe gukingira ibidukikije bo mu karere ka Gunjur mu gihugu ca Gambiya bitwariye ishirahamwe ry’abashinwa Golden kubikorwa rikora vyo guta umucafu urimwo ubumara mw’ibahari rya Atlantic bigatuma amafi apfa mur’ako gace.
Amakuru ava i Banjul ku murwa mukuru wa Gambiya avuga ko abanyagihugu bo mu gace ka Gunjur bamenyesha ko amafi menshi yo mw’ibahari mur’ako gace yama yapfuye kuva aho ishirahamwe Golden Lead ryubatse ihinguriro kuva mu mwaka wa 2016

Bimenyeshwa ko n’abantu boga mur’ayo mazi aherereye mur’ako gace bahura n’ibibazo bijanye n’amagara yabo bivuye ku bumara buva mur’iryo hinguriro.

Ishirashamwe Golden Lead rirahakana ivyo ryagirizwa aho ryamenyesheje ko rigiye kwicarira ico kibazo hamwe n’abajejwe ibidukikije mur’ico gihugu.