Abanyagihugu bashika 43 bo muri Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo bagizwe n’abana 31 ;abagore 8 n’abagabo 4 nibo bakiriwe mu ntara ya Rumonge kur’uyu wa kabiri igenekerezo rya 1 myandagaro 2017,bavuga ko bahunze ingwano zihuza abagwanyi b’umugwi wa Mayi Mayi n’igisirikare c’ico gihugu.
Izo ngwano ziriko zibera mu gace ka Fizzi mu ntara ya Kivu yo mu Bumanuko. Igiporisi kijejwe ibirere n’imbibe PAFE) kimenyesha ko abajejwe intwaro mu ntara ya Rumonge bafashe ingingo yo kurungika abo banyagihugu k’ubuserukizi bw’igihugu ca Kongo mu gisagara ca Bujumbura.
Mwomenya ko hari haheze indwi zibiri abandi banyagihugu bava mu gihugu ca Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo 50 baje mu ntara ya Rumonge bavuga ko bahunze ; abo banyagihugu bose bemeza ko baca mu Burundi bashaka kuja mu makambi y’impunzi mu gihugu ca Tanzaniya.