Abakobwa bo mumashure mato n’ayisumbuye babujijwe gukora imishatsi

Umushikiranganji w’indero, inyigisho mu mashuri y’intango, ayisumbuye, kaminuza n’ubushakashatsi amenyesha ko hari itegeko riheruka gushirwaho, rivuga kuva mu ntango z’umwaka w’ishure uza, ko abanyeshure bose bo mu mashure mato mato n’ayisumbuye batarekuriwe gukora imishatsi. Muri ubwo bushikiranganji bavuga kandi ko n’inyambaro zitabereye umunyeshure zizotuzwa.
Janvière NDIRAHISHA, umushikiranganji w’indero, inyigisho mu mashuri y’intango, ayisumbuye, kaminuza n’ubushakashatsi avuga ko imishatsi y’abakobwa bo mu mashure mato mato n’ayisumbuye izotegerezwa kuba imeze co kimwe kuri bose, ntihagire uwisukisha canke ashiramwo ibindi vyose bihindura imishatsi.

Uwo mushikiranganji avuga kandi ko azohagurukira abakobwa bambara amajipo magufi, abasiga inzara, abambara amahereni hamwe n’abazana amaterefone kw’ishure.

« Terefone tuyiravye ntaco ibazanira, ibaha indero mbi. Rero uwuzozana Terefone nzoyifata, kuko nta kintu na kimwe idufasha mu rwaruka. »

Janvière NDIRAHISHA, umushikiranganji w’indero, inyigisho mu mashuri y’intango, ayisumbuye, kaminuza n’ubushakashatsi
Umushikiranganji NDIRAHISHA yabwiye amashure yigenga yahora yakira abakobwa bafise imishatsi isutse ko azokwugarwa mu gihe atokwemera gushira mu ngiro iryo tegeko ry’ubushikiranganji bw’indero.