Uburusiya bwagiriza Amerika gutanguza intambara y’ubudandaji 

Umushikiranganji wa mbere mu gihugu c’Uburusiya Dimitri Medvedev amenyesha ko ibihano Reta Zunze Ubumwe za Amerika zafatiye igihugu c’Uburusiya bisa n’intambara y’ubudandaji.
Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC amenyesha ko Dimitri Medvedev ingingo z’umukuru w’igihugu Donald Trump zerekana ubushobozi buke afise, gushika aho n’inama nkenguzamateka ivyerekana.

Itegeko ry’umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika rifise intumbero yo guha ibihano Uburusiya kuvyo bwagirizwa ko bwagize uruhara mu matora y’umukuru w’igihugu muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, hamwe n’ibikorwa bukora mu gihugu ca Ukraine.

Abicishije ku rubuga rwiwe rwa facebook,Dimitri Medvedev yavuze kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 2 Myandagaro 2017, ko ivyo bihano ku Burusiya bihejeje icizere co kubandanya imigenderanire n’ubutegetsi bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika.