Ingabo z’u Burundi
Umuryango mpuzamakungu Onu ufise umwitwarariko ku kuntu ibintu vyunyuka mu Burundi mu gihe havugwa amakuru ajanye n’uguhohotera abanyagihugu, abanyuruzwa hamwe n’ubwicanyi ndengerabutungane.
Mu cegeranyo casohotse akanama kajejwe umutekano ka Onu kavuga ko gafise intego yo gufata ingingo ku bantu babifisemwo uruhara, haba mu gihugu hagati canke hanze y’igihugu, kavuga ko babangamiye amahoro n’umutekano mu Burundi.
Mu 2015, Uburundi bwinjiye mu ndyane, bumaze igihe buvuye mu ngwano mu 2005, igihe Prezida Pierre Nkurunziza arondeye kwitoza ku kiringo kigira gatatu, bituma haduka imyiyerekano y’abayoboke b’ imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi bavuga ko biteye kubiri n’ibwirizwa shingiro.