Umutekano warahungabanye kuri uwu wa gatanu mu ntara ya Kirundo, ahagandaguwe umugabo yishwe n’umuntu ataramenyekana.
Uwo yishwe ni umugabo azwi kw’izina rya Mbonimpa Thomas w’imyaka 55 yishwe acumiswe imbugita kw’izosi n’umugizi wa nabi yamutegereye avuye mu bunywero, mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatanu, akaba ytegerewe atarashika muhira iwe.
Mbonimpa Thomas yagandaguwe yahora aba ku musozi Bugabira, mu ntara ya Kirundo.
Mu giporisi bamenyesha ko amatohoza yamaze gutangura kugira abajejwe umutekano bamenye uwakoze ubwo bwicanyi.