Umushikiranganji w’ibidukikije aragabisha abaturira imiriro ya nyakanga

Umushikiranganji w’ibidukikije ,amatongo no gutunganya ibisagara Celestin NDAYIZEYE amenyesha ko ata kigongwe gitegekanijwe ku muntu wewe azofatwa yaturiye umuriro wa nyakanga.
Ari mu ntara ya Rutana,umushikiranganji w’ibidukikije ,amatongo no gutunganya ibisagara yavuze ko itegeko rikingira amashamba rihari kugira baryisunge mu gihe cose hari uwuyahungabanije.

Umushikiranganji w’ibidukikije yavuze ko uwuzofatwa ariko ahungabanya amashamba azohanwa hisunzwe itegeko rikingira amashamba.

Kubera ibihano bishobora kuba biremereye cane, umushikiranganji Celestin NDAYIZEYE yasavye abaturira amashamba kubihagarika, kugira ivyo bihano ntibizobashikire.