Exetat: abasubiramwo ikibazo ca Leta batiyandikishije ntaco bakora.

Abanyeshure bipfuza gusubiramwo ikibazo ca Reta gitanga uburenganzira bwo gutangura amashure ya kaminuza (Exetat : Examen d’Etat) c’umwaka wa 2016 ushira umwaka wa 2017 batiyandikishije ntibaza kwemerwa gukora ico kibazo catanguye kuri uwu wa mbere.
Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’indero Juma Edouard amenyesha ko ico kibazo kiza gukorwa n’abanyeshure bashika ibihumbi 55 mu bibanza 63, harimwo n’ikibanza kimwe c’i Nairobi, ku mugwa mukuru w’igihugu ca Kenya.

Juma Edouard, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’amashure
Mwomenya ko ico kibazo gitangura gukorwa kuri uno wa mbere igenekerezo rya 7 Myandagaro 2017 kikazorangira ku musi wa kane igenekerezo rya 10 Myandangaro 2017.