Korea ya ruguru yagerageje ibikoresho vyayo vya gisirikare
Igihugu ca Korea ya Ruguru ciyamirije ibihano bishasha cafatiwe n’umuryango mpuzamakungu Onu ku vyerekeye umugambi w’ibigwanisho vya « nucléaire » w’ico gihugu.
Mw’itangazo ryaciye mu kinyamakuru ca Korea ya Ruguru, Pyongyang ivuga ko itazigira yemera kuganira ku bijanye ku bijanye n’umugambi wayo wa « nucléaire » mu gihe umutekano wayo ukibangamiwe na Leta Zunze Ubumwe za Amerika.
Muri iryo tangazo havugwamwo kandi ko Korea ya Ruguru ko itazigera isubira inyuma mu bikorwa vyayo vyo gukomeza ububasha bwa gisirikare bushingiye ku bigwanisho vya « nucléaire ».
Ku rundi ruhande, Korea Yepfo yidogera Korea ya Ruguru ku kuba yahakanye kuja mu biganiro vya gisirikare, isigura ko bitavuye ku mutima.
Ibihano bishasha vya Onu bitegekanya kugabanya umwimbu wa Korea ya Ruguru ku gice c’ica gatatu, kubera ukwanka guhagarika kugerageza ibigwansiho vyo mu bwoko bwa « missile » na « nucléaire ».