Umusirikare w’Uburundi azwi kw’izina rya Caporal Chef NISHEMEZWE yahora akora mu bacunga umutekano mu biro vy’umukuru muri BSPI (Brigade Spéciale de Protection des Institutions) yirashe mw’ijoro ryo kuri uwu w’Imana. Uwo musirikare yirashe n’inkoho asanzwe akoresha, mu gihe yari ku kazi kiwe ka minsi yose ahakorera umukuru w’igihugu.
Colonel Gaspard BARATUZA umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi aremeza ayo makuru, akamenyesha ariko ko mu gisirikare c’Uburundi bataramenya icatumye Caporal Chef NISHEMEZWE yirasa. Colonel BARATUZA avuga ko amatohoza yatanguye, kandi ko ata kimenyetso na kimwe cari cerekana ko uwo musirikare yoba yari afise uburwayi bwo mu mutwe canke iyindi ngorane iyariyo yose.
Caporal Chef NISHEMEZWE yari amaze amezi atandatu agarutse mu Burundi, avuye mu bikorwa vy’ukugaruka amahoro yari yarungitswemwo mu gihugu ca Centrafrika.
Uwo musirikare yavuka mu ntara ya Muramvya, akaba asize umugore n’abana bane. Ikiziga ciwe kiri mu buruhukiro bw’ibitaro vyitiriwe umwami Khaled Kamenge.
Caporal NISHEMEZWE abaye umusirikare agira kabiri mu bacunga umutekano mu biro vy’umukuru w’igihugu apfuye yirashe mu kiringo kirenga gato umwaka umwe, inyuma y’uwirashe mu kwezi kwa gatandatu 2016, yongera akomeretsa mugenzi we mu masasu yumvikanye ahakorera umukuru w’igihugu c’Uburundi (Présidence de la République du Burundi), mu gisagara ca Bujumbura.