Amatora muri Kenya: IEBC irindiriye ivyegeranyo ngo itange ibitigiri vya nyumamugabo imigumuko iza yatanguye.

Mu gihe imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi ihakana ibitigiri bitangwa mu vyavuye mu matora, akanama kajejwe amatora IEBC kamenyesheje ko kagiye guhamagaza ivyegeranyo vyo mu ntara no mu biro bitandukanye vy’amatora ngo gashobore gutanga ibitigiri ntabanduka.

Bwana Chebukati avuga ko ibitigiri bishikirizwa vyarungitswe n’abajejwe kurungika ivyavuye mu matora mu ntara z’amatora (209 mu gihugu cose).

Kuvyo urunani NASA rwa Raila Odinga ruvuga ko hari ababuye mudasobwa mu ntumbero yo gutuma Prezida Uhuru Kenyatta aja hejuru mu majwi, uwurongoye IEBC avuga ko hari amatohoza ariko arakogwa.

Ku bitigiri vy’agateganyo bigezweko imbere y’umutaga wo ku munsi wa gatatu, Prezida Uhuru Kenyatta ari imbere n’amajwi 7.829.485 (54,36%) nayo Raila Odinga akaba yarafise amajwi 6.447.572 (44,37%).

Urunani rw’imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi NASA rurongowe n’uwahora ari umushikiranganji wa mbere, Raila Odinga, ruvuga ko rutemera ivyo bitigiri, Bwana Raila akavuga ndetse ko hari abantu binjiye muri mudasobwa barayabura ku buryo ibitigiri biguma vyerekana ko Uhuru Kenyatta ari imbere.

Ivyo bishikirijwe haheze indwi n’inusu uwari ajejwe igikorwa co kugenzura ubuhinga bw’itumanako ku buryo bwa mudasobwa muri IEBC, Chris Msando agandaguwe, amatohoza akaba akibandanya.

Ukwo kutumvikana ku vyavuye mu matora kwatanguye gutuma abanyagihugu bafatwa n’agashavu na cane cane abashigikiye NASA.

Abari mu myiyerekano batuririye amapine mw’ibarabara

Abari mu myiyerekano baturiye amapine n’imiduga

Imiduga yariko iragerageza kuzimya umuriro