Buyenzi: Umuntu yishwe mu gitero ca grenade cakozwe n’abantu bataramenyekana.

Umuntu umwe yapfuye, abandi batanu barakomereka mu gitero ca Gerenade cabaye mw’ijoro ryo kuri uwu wa kabiri muri zone ya Buyenzi, mu gisagara ca Bujumbura.Iyo gerenade yatewe mu bunywero buri kw’ibarabara ry’indwi nomero 50, ahari ubunywero bwarimwo abantu bariko bihereza urukanwa.

Mu giporisi bamenyesha ko uwateye iyo gerenade atashoboye gufatwa, ariko ko amatohoza yatanguye.