Amatora mu Rwanda na Kenya : NKURUNZIZA yakeje Kenyatta 

Mu gihe hakiri ibiharuro vy’imfatakibanza mu matora y’umukuru w’igihugu yabeye mu gihugu ca Kenya kuwa kabiri igenekerezo rya 8 Myandagaro 2017, umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA yamaze gukeza umukuru w’igihugu Uhuru Kenyatta ari imbere mu majwi.
Abicishije ku muhora wiwe wa Twitter, umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA yanditse avuga ati : « Kw’izina ry’abarundi bose, ndakeje umukuru w’igihugu yatowe Uhuru Kenyatta hamwe n’abanyagihugu ba Kenya. Twizeye kubandanya imigenderanire mu gihe kiri imbere. »

Umurwi ujejwe gutegura amatora mu gihugu ca Kenya washikirije ko Uhuru Kenyatta afise amajwi 54,32 kw’ijana mu gihe Raila Odinga bahiganwa afise amajwi 44,80 kw’ijana.

Mu kiringo kidashika indwi, habaye amatora y’umukuru w’igihugu mu bihugu bibiri vyo mu muryango wa Afrika y’ubuseruko arivyo Kenya n’Urwanda. Mu gihugu c’Urwanda hatsinze Paul KAGAME. Inyuma y’iyo ntsinzi ya Paul KAGAME, umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA ntaramukeza nk’uko yabigiriye mugenzi we wa Kenya.